Igihe uwawe apfuye
Ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 17 Mukakaro 2007, nk’isaha imwe y’ijoro, hari indege yunguruza abantu yahushije ibarabara igihe yari ishitse ku kibuga c’indege co muri Berezile cakira indege nyinshi gusumba ibindi, kino kikaba kiri hagati mu gisagara ca São Paulo. Iyo ndege yararenganye ibarabara rimwe nyamukuru maze ija guseka ikizu gishirwamwo imizigo iba ipakuruwe mu ndege. Abantu nka 200 barahitanywe n’iryo sanganya.
IRYO sanganya, iryadondowe ko ari ryo sanganya ry’indege ribi kuruta ayandi yose yabaye muri Berezile, ntirizopfa ryibagiwe n’abantu bahaburiye ababo. Uwitwa Claudete ni umwe mu bahaburiye ababo. Yariko ararorera televiziyo igihe yumva ibijanye n’iryo sanganya ry’indege. Umuhungu wiwe yitwa Renato yari muri iyo ndege. Yari afise imyaka 26 gusa. Yari afise umugambi wo kwubaka urwiwe muri Gitugutu. Claudete abigiranye ukwihebura yaragerageje kumutelefona kuri telefone yiwe ngendanwa, mugabo ntihagira n’umwe amwitaba. Yaciye yikubita hasi maze ararira n’umwosori uramurenga.
Uwitwa Antje yarabuze umusore yari amureheje ahitanywe n’isanganya rikomeye ry’umuduga ryabaye muri Nzero 1986. Igihe yumva ivy’urwo rupfu, yaravunitse umutima cane. Avuga ati: “Sinashotse ndavyemera. Numva umengo ni indoto mbi nagize, nkumva ko bukwi na bukwi vyoshitse nkikangura maze ngasanga iyo nkuru atari iy’ukuri. Narajugumiye nongera numva ububabare bukomeye, nk’aho womenga hari umuntu yari yankubise mu nda.” Imyaka itatu yakurikiye, Antje yayimaze yishwe n’intuntu. Naho haciye imyaka irenga 20 iryo sanganya ribaye, n’ubu arajugumira igihe aba yibutse ivyo bintu vyabaye.
Intuntu umuntu agira bivuye ku kubura uwiwe, ukwumva umenga ivyo bintu ntibishoboka, ukwumva arengewe be no kwihebura kubera ukwo kubura kubabaje kandi kuba gushitse giturumbuka, ntibishobora guserurwa mu majambo yonyene. Mbere naho woba witeze urupfu rw’uwawe, nk’uko vyoshobora gushika agapfa yari amaze igihe kirekire arwaye, intuntu ugira irashobora kuguma ari iyikomeye cane. Nta muntu n’umwe yigera yitegurira ukubura uwiwe ku buryo bitogira ico bimukozeko. Uwitwa Nanci yarabuze nyina wiwe mu 2002 inyuma y’ikiringo kirekire yari amaze arwaye. Yamara, igihe nyina wiwe yapfa, Nanci yaricaye hasi kw’isima mu bitaro nyina yari arwariyemwo, akaba yari arengewe n’umubabaro. Ubuzima bwasa n’uko ata co bukivuze kuri we. Naho haciye imyaka itanu ico kintu kibaye, n’ubu iyo yiyumviriye nyina wiwe aca akorora amosozi.
Umudogiteri yitwa Holly G. Prigerson yavuze ati: “Abantu ntibigera bakira uruguma baterwa n’ukubura, ahubwo gusa bararumenyera.” Nimba warabuze uwawe biturutse ku rupfu, waba wari uvyiteguriye canke utari uvyiteguriye, woshobora kwibaza uti: ‘Ubwo vyoba ari ibisanzwe kugira intuntu? Noshobora gute kwihanganira ukubura uwanje? Noba nzokwigera nsubira kumubona?’ Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo bibazo be n’ibindi woshobora kwibaza.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
EVERTON DE FREITAS/AFP/Getty Images