ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/4 rup. 30
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Mw’isinagogi y’i Nazareti
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Imbere y’uko Bibiliya iba igitabu, yabanje kuba umuzingo hanyuma iba Codex
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Mw’Isinagogi yo mu Gisagara c’Iwabo na Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akiza umugabo yavutse ari impumyi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/4 rup. 30

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki Yezu yakijije intambwe ku yindi umugabo umwe w’impumyi?

Muri Mariko 8:22-26, tuhasoma inkuru y’ingene Yezu yakijije umugabo umwe w’impumyi i Betsayida. Iyo nkuru ivuga yuko Yezu yabanje gishira amate ku maso y’uwo mugabo maze aca amubaza ico yashobora kubona. Inyishu uwo mugabo yatanze yarerekanye ko hari ukuntu atabona neza. Yavuze ati: “Ndabona abantu kubera ko mbona ibintu womenga ni ibiti, mugabo biriko biragendagenda.” Yezu yaciye asubira gukora ku maso y’uwo mugabo, maze icavuyemwo ni iki: “Nya muntu aca arabona neza, arakira, asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya.” Biboneka ko Yezu yakijije uwo mugabo intambwe ku yindi. Uti kubera iki?

Bibiliya ntitomora neza igituma, ariko twoshobora kugerageza kurimbura insobanuro ishoboka ku bijanye n’ico kintu cabaye. Umuntu atanguye kubona ari bwo bwa mbere yari amaze imyaka itari mike ari impumyi, canke mbere yavutse ari impumyi, ni ihinduka rikomeye. Reka tubitangire akarorero: Hari ubwoko bw’ifarasi bwigeze kuba bukoreshwa mu binogo vy’ikuzimu vyacukurwamwo ubutare kandi zikagumizwayo. Harageze aho zimenyera cane umwiza ku buryo igihe zakurwa muri ivyo binogo vyasavye ko zimara ikiringo kingana n’umusi wose kugira ngo zimenyere umuco. Ku bijanye n’umuntu w’impumyi ho, vyosaba mbere umwanya munini kuruta uwo kugira ngo amenyere. Mu bihe vya none, mu biringo bimwebimwe abaganga babaga barashoboye gutunganya ingorane ijanye n’ukuntu amaso y’abantu b’impumyi akora, gutyo bituma abo bantu bashobora gusubira kubona. Yamara, akenshi abo barwayi bararengerwa n’amakuru umuyoro ubwonko bwabo bwaronka bivuye ku vyo babona. Kubera yuko barengerwa no kubona amabara atandukanye be n’ibintu bitandukanye bibakikuje, basanze bibavuruga ubwenge kandi batagishobora kumenya mbere n’ibintu bari basanzwe bamenyereye. Uko igihe cagenda kirarengana, ubwonko bwabo bwagenda buriga gutandukanya ivyo amaso yabo yaba abonye maze bukabimenya.

Kuba ico gihe Yezu yakijije intambwe ku yindi wa mugabo w’impumyi, gushobora kuba kwari ukugaragaza ukwitwararika kuranga urukundo yari afitiye uwo mugabo. Amaherezo, wa mugabo yaciye “asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya,” aratahura ivyo yabona vyose ivyo ari vyo.

Mu gihe ca Yezu, ni kubera iki gusoma umuzingo cari igikorwa kitoroshe na gato?

Impapuro zakoreshwa mu guhingura imizingo wasanga zikunda kuba zifise uburebure bwa santimetero ziva kuri 23 gushika kuri 28 be n’ubwaguke bwa santimetero ziva kuri 15 gushika kuri 23. Igitigiri kinaka c’izo mpapuro carafatanywa, impera ya rumwerumwe rwose igafatanywa n’intango y’urundi, bakoresheje uburembo canke bakazishona bakoresheje akanyuzi koroshe. Rimwe na rimwe, harakoreshwa impapuro ndende gusumba. Wa Muzingo wo ku Kiyaga c’Umunyu w’ubuhanuzi bwa Yesaya wahinguwe hakoreshejwe ibice 17 vy’insato, igihimba kizigamwe muri kino gihe cose hamwe kikaba gifise uburebure bw’imetero nka 7. Wa muzingo Yezu yakoresha mw’isinagogi i Nazareti w’ubuhanuzi bwa Yesaya, ushobora kuba wari ufise uburebure nk’ubwo.​—Luka 4:16, 17.

Ku bijanye n’iyo nkuru ya Yezu, uwitwa Alan Millard avuga mu gitabu ciwe (Discoveries From the Time of Jesus) ati: “Umusomyi yarafata ico gitabu [umuzingo] maze akakizingurura akoresheje ukuboko kwiwe kw’ibubamfu, magingo yaba afatishije ukuboko kwiwe kw’iburyo impera yaco maze akaza arongera kuzinga uko yaza arasoma, ava ku nkingi aja ku yindi. Kugira ngo Yezu ashikire Yesaya 61, ico kikaba ari co kigabane yasomye muri ya sinagogi, vyari gusaba ko azingurura hafi uwo muzingo wose akongera agasubira kuwuzinga.”

Muri ico gihe, igitabu ca Yesaya nticari kigabuwe mu bigabane be n’imirongo nk’uko tubizi muri kino gihe. Igihe Yezu yahabwa uwo muzingo w’ubuhanuzi bwa Yesaya muri ya sinagogi i Nazareti, yabwirizwa gutora ahari amajambo dusanga muri Yesaya 61:1, 2 muri Bibiliya zacu muri kino gihe. Yezu “yaratoye ico kibanza” bitamugoye, aba yerekanye ko yari amenyereye cane gukoresha Ijambo ry’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika