ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/1 rup. 32
  • Igihe abakirisu bagosorwa nk’ingano

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe abakirisu bagosorwa nk’ingano
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/1 rup. 32

Igihe abakirisu bagosorwa nk’ingano

GATOYI imbere y’uko Yezu apfa, yaragabishije abigishwa biwe ati: “Ehe Shetani yabasavye ngo abagosore nk’ingano” (Luka 22:31). None yashaka kuvuga iki?

Mu gihe ca Yezu, kwimbura ingano vyasaba umwanya munini kandi vyari bigoye. Ubwa mbere, abimbuzi baragenya imishishi y’ingano mu murima. Hanyuma, baca bakubitira iyo mishishi ku mbuga canke bagakoresha ibitungwa birima mu gukwega igisekuzo bigicisha kuri nya mishishi. Ico gikorwa catuma intete ziva ku mishishi zikongera zikavako udukohwa. Ubukurikira, baca baterera mu kirere intete n’umuguruka. Intete zagwa ku mbuga, umuguruka na wo ugatwarwa n’umuyaga. Ubwa nyuma, izo ntete barazigosora bitonze kugira ngo bazinobore.

Nk’uko Yezu yari yarabivuze, Shetani yagumye atera abigishwa ba Yezu, kandi no muri iki gihe na twebwe nyene aradutera (Ef. 6:11). Ego ni ko ingorane zose zidushikira mu buzima ntiziba zitewe na Shetani ubwiwe (Umus. 9:11). Yamara, Shetani arafise icipfuzo gikomeye co gukoresha uburyo bwose abonye kugira ngo asenyure ukutadohoka kwacu. Nk’akarorero, yoshobora kutwosha kubaho duhahamira amaronko, guhitamwo ukwinezereza kutabereye canke kwisuka mu vy’ubuhumbu. Yoshobora kandi gukoresha abagenzi bo kw’ishure canke bo ku kazi be n’incuti zitizera kugira ngo batujijure ko tubwirizwa gukurikirana cane ibintu vyose iyi si itanga haba mu vyo kwiga amashure canke mu vy’akazi. N’ikindi kandi, Shetani yoshobora gukoresha uruhamo rw’imbonankubone arondera ko tudohoka ku Mana. Emwe, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, hari n’ubundi buryo bwinshi Shetani akoresha kugira ngo atugosore.

Twoshobora gute none kurwanya uwo mwansi w’umunyabushobozi? Ntidushobora kubigira dukoresheje inguvu zacu bwite. Shetani arakomeye kuturusha; ariko rero, turazi yuko Yehova akomeye cane rwose kumurusha. Nitwizigira Yehova tugaherezako, tugasengana ubwira tumusaba ubukerebutsi be n’uburindutsi bidufasha kwihangana, tukongera tukiheka bimwe bishitse ku buyobozi bwiwe, azodukomeza kugira ngo tunanire ibitero vya Shetani.​—Zab. 25:4, 5.

Igihe twoba turiko turageragezwa, turakenera ubushobozi budufasha “gutandukanya iciza n’ikibi”, gutyo tukirinda guhendwa n’amayeri ya Shetani (Heb. 5:13, 14). Yehova arashobora kudufasha gutsimbataza ubwo bushobozi. Rero, turakeneye kuguma dukurikirana ingendo igororotse naho ibintu vyoba vyifashe gute. Nitwakurikiza ubuyobozi bwa Yehova, nta gukeka ko azoshigikira umwiyemezo wo gukora ikibereye twagize tubigiranye umutima rugabo.​—Ef. 6:10.

Shetani yoshobora kugerageza kutugosora nk’ingano. Ariko dukomejwe na Yehova, turashobora kumurwanya dufise ukwizera gukomeye (1 Pet. 5:9). Egome, Ijambo rya Yehova riradusubiriza umutima mu nda riti: “Murwanye wa Mubesheranyi, na we azobahunga”.​—Yak. 4:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika