Ubwami bw’Imana ni iki?
ICIYUMVIRO nyamukuru c’ivyo Yezu yigisha cari ikihe? Nk’uko Yezu ubwiwe yabivuze, bwari Ubwami bw’Imana (Luka 4:43). Igihe abantu baba bamuteze yompi ariko aravuga, nta nkeka ko bumva avuga akatari gake ubwo Bwami. Vyoba vyarabazazanira canke bikabayobera? Boba baramubaza ubwo Bwami ico ari co? Oya. Nta na hamwe dusanga mwene ivyo bibazo mu Njili. None Ubwami bw’Imana coba cari ikintu abo bantu bari bamenyereye?
Ikizwi co ni uko Ivyanditswe vya kera Abayuda babona ko ari vyeranda, vyadondora ubwo Bwami, bigahishura ico ari co mu majambo atomoye kandi arashe bigahishura n’ivyo buzokora. Muri iki gihe, turashobora mbere kwiga vyinshi ku vyerekeye Ubwami nka kurya nyene kw’Abayuda, mu gukoresha Bibiliya. Reka turimbure ibintu indwi Bibiliya itwigisha ku vyerekeye Ubwami. Bitatu vya mbere Abayuda bo mu gihe ca Yezu be n’ab’imbere yaho bari babizi. Bitatu bikurikira vyahishuwe na Kristu canke intumwa ziwe mu kinjana ca mbere. Ica nyuma catomotse muri iki gihe cacu.
1. Ubwami bw’Imana ni intwaro nyakuri izokwamaho ibihe vyose. Ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya bwahishuye yuko Imana izorungikira abantu b’intahemuka umurokozi. Uwo muntu, uwitwa “uruvyaro”, yokuyeho ingorane zibabaje zakwezwe n’ubugarariji bwa Adamu na Eva be na Shetani (Itanguriro 3:15). Haciye igihe kinini, Umwami w’intahemuka Dawidi yarabwiwe ikintu ceza umutima kijanye n’urwo “ruvyaro” ari rwo Mesiya. Rwoganje mu Bwami. Ubwo Bwami bwobaye butandukanye n’ubundi bwose. Bwokwamyeho ibihe vyose.—2 Samweli 7:12-14.
2. Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro zose z’abantu. Mu bintu umuhanuzi Daniyeli yeretswe nko mu ndoto, yarabonye urukurikirane rw’inganji nganzasi zihera muri kahise zigashika muri iki gihe cacu. Raba insozero iteye akanyamuneza y’iryo yerekwa. Igira iti: “Ku ngoma z’abo bami [b’abantu], Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”. Rero, ubwami bwose, ni ukuvuga intwaro zose zo muri iyi si, udasize inyuma intambara izo ntwaro zitera, agahahazo kazo be n’ibiturire vyazo, bizokurwaho ubutakigaruka. Nk’uko ubuhanuzi bwa Daniyeli buvyerekana, Ubwami bw’Imana vuba bugiye gutegeka isi yose (Daniyeli 2:44, 45). Nta nkeka ko ari yo ntwaro yonyene izoguma iganzaa.
3. Ubwami bw’Imana buzokuraho intambara, indwara, inzara, eka mbere n’urupfu. Ubuhanuzi buteye akanyamuneza bwo muri Bibiliya burahishura ivyo Ubwami bw’Imana buzokora ngaha kw’isi. Iyo ntwaro izorangura ibitigeze bikorwa canke bitazokwigera bikorwa n’ishirahamwe na rimwe ry’abantu. Iyumvire nawe ibirwanisho vyose vy’intambara vyakuweho ubutakigaruka! “Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi” (Zaburi 46:9). Nta baganga bazoba bagikenewe, nta bitaro canke indwara z’ubwoko na bumwe bizoba bikiriho. “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye” (Yesaya 33:24). Nta nzara, nta bukene bw’ibifungurwa, nta gufungura nabi canke ukwicwa na kigoyi bizoba bikiriho. “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu” (Zaburi 72:16). Nta maziko, nta bigandaro, nta matongo y’abapfuye, nta buruhukiro bw’abapfuye canke ayandi marushwa akwegwa na vyo bizoba bikiriho. Urupfu, rwo mwansi wacu adatezura, ruzoba rwaza rwatsindwa. Imana “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose”.—Yesaya 25:8.
4. Ubwami bw’Imana bufise Umutware yatowe n’Imana. Mesiya si we yitoye ngo abe umutware eka mbere abantu badatunganye si bo bamutoye. Yatowe na Yehova Imana ubwiwe. Amazina Mesiya na Kristu yo ubwayo aravyerekana. Yompi asobanura “uwarobanuwe”. Rero, uwo Mwami yarobanuwe na Yehova ku bw’ico gikorwa kidasanzwe. Imana yavuze ku bimwerekeye iti: “Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize [im]pwemu [y]anje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga” (Yesaya 42:1; Matayo 12:17, 18). Ni nde arusha Umuremyi wacu kumenya Umutware dukeneye uwo ari we?
5. Umutware w’Ubwami bw’Imana yaragaragaje imbere y’abantu bose ko abereye. Yezu w’i Nazareti ni we yagaragaye ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Yavukiye mu muryango Imana yari yaratoye imbere y’igihe (Itanguriro 22:18; 1 Ngoma 17:11; Matayo 1:1). Igiye yari kw’isi, yarashikije ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya bwari bwaranditswe ibinjana n’ibindi imbere y’igihe. Ikimenyamenya kandi kivuye mw’ijuru carerekanye ko ari we Mesiya. Uti gute? Imana yaravuze iri mw’ijuru, iremeza ko ari Umwana wayo bwite; abamarayika barerekanye ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe; kandi na Yezu yarakoze ibitangaro, kenshi akabigira imbere y’abantu amajana canke mbere ibihumbi, bikaba vyagaragaye ko ivyo yabikoze bivuye ku bubasha bw’Imanab. Yezu yarerekanye incuro n’izindi ukuntu yotwaye. Ntiyari afise gusa ububasha bwo gufasha abantu ariko kandi yari afise n’icipfuzo co kubigira (Matayo 8:1-3). Ntiyagira ubwikunzi, yari umunyempuhwe, akaba umurindutsi kandi akicisha bugufi. Inkuru yerekeye ubuzima bwiwe ngaha kw’isi yanditswe muri Bibiliya kugira ngo abantu bose bayisome.
6. Ubwami bw’Imana burafise abantu 144.000 bazofadikanya na Kristu kuganza. Yezu yavuze yuko abandi, ushizemwo n’intumwa ziwe, bofadikanije na we kuganza mw’ijuru. Uwo mugwi yawise “ubusho buto” (Luka 12:32). Mu nyuma, intumwa Yohani yabwiwe ko ubwo busho buto bwobaye bugizwe n’abantu 144.000. Boshinzwe igikorwa ceza umutima boranguriye mw’ijuru, bagategeka ari abami bakongera bagasukura ari abaherezi bari kumwe na Kristu.—Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1, 3.
7. Ubwami bw’Imana, uburiko buraganza mw’ijuru ubu, bwiteguriye gutangura kuganza isi yose. Iki kintu ca nyuma ni kimwe mu bintu bihimbaye cane dushobora kumenya. Bibiliya iratanga ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko Yezu yahawe ubutware bwa cami mw’ijuru. Ubu ariko araganza mw’ijuru kandi vuba agiye kuganza isi yose maze ashitse ubuhanuzi bw’akaroruhore twamaze kuvuga. Ariko none, dushobora kumenya gute ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza? Kandi buzotangura kuganza isi ryari?
[Utujambo tw’epfo]
a Ubuhanuzi nk’ubu duhejeje kubona bwerekana ko Ubwami bw’Imana atari ikintu kiri mu mitima yacu nk’uko benshi bavyigishijwe. Raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyabajijwe n’abasomyi bacu” kiri ku rupapuro rwa 13.
b Raba nk’akarorero Matayo 3:17; Luka 2:10-14; Yohani 6:5-14.