Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni kubera iki icitwa ngo ni Isezerano rya kera gifise agaciro karamba?
Ntirikomoka ku kimana kinaka c’ikibisha, ahubwo rikomoka kuri Yehova, ya Mana yuzuye urukundo. Yezu be n’abayoboke biwe bo mu ntango, barabandanije gukoresha Ivyanditswe vy’igiheburayo. Birimwo impanuro zifasha mu buzima bwa misi yose bikongera bigatanga icizigiro ciza igitangaza ku bijanye na kazoza.—1/9, urupapuro rwa 4-7.
• Kuba Imana yararetse hagaca igihe kuva aho Adamu na Eva bacumuriye, vyavuyemwo iki?
Muri iyo myaka ibihumbi iheze, Shetani yaragaragaye ko ari umubeshi. Adamu na Eva be n’amamiliyoni y’abantu babakomotseko, barapfuye. Igihe carerekanye yuko abantu badashobora kuroranirwa babayeho batisunga Imana be n’uko badafise uburenganzira bwo kuyobora intambuko zabo, eka mbere ko batanabifitiye ubushobozi.—15/9, urupapuro rwa 6-7.
• Ni kubera iki Yakobo atagirijwe ikosa ry’ukuba yariyise Esau?
Yakobo yari afise uburenganzira bwo kuronka umuhezagiro wa se kubera yuko yari yaraguriye Esau ukuba samuragwa. Igihe Isaka yamenya ko yari yahezagiye Yakobo ntiyaciye arondera guhindura ivyo yari yagize. Kandi biragaragara ko Imana, iyitari kubura kugira ico ikoze, yipfuza ko Yakobo aba ari we aronka uwo muhezagiro.—1/10, urupapuro rwa 31.
• Kuba dufise ijwi ryo mu mutima binyuranye gute n’iciyumviro c’uko twabayeho biciye kw’ihindagurika?
Mu moko yose no mico kama yose, abantu bamye bafise icipfuzo co gufasha abandi, mbere n’igihe kubigira vyoba bishobora gutuma baja mu kaga. Umuntu ntiyokwiteze ko abantu bagira mwene ako gatima ko kwitwararika abandi iyaba abantu bari gusa ibikoko bikora ico bishoboye cose kugira ngo bibandanye kubaho.—15/10, urupapuro rwa 20.
• Ni kubera iki dushobora kuvuga ko Imana yicisha bugufi, kandi ni mu buryo ki igaragaza iyo kamere?
Kubera yuko Imana ari yo Segaba ikaba ari na yo Muremyi, ububasha bwayo ntibugira aho bugarukira nk’uko ubwacu bufise aho bugarukira. Naho ari ukwo, nk’uko bivugwa muri 2 Samweli 22:36, Imana iricisha bugufi mu buryo bw’uko yitwararika abantu baciye bugufi bagerageza kuyihimbara, ikabagaragariza imbabazi. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, irimanura igashika hasi kugira ngo igaragarize ubuntu abantu bayitinya.—1/11, urupapuro rwa 4-5.
• Injo za kera zubuwe zemeza gute ko ibivugwa muri Bibiliya ari ivy’ukuri?
Abacukuzi barubuye injo i Samariya, izo zikaba zivugwamwo amazina y’imiryango indwi avugwa muri Yosuwa 17:1-6. Injo z’i Aradi ziremeza amakuru avuga ibijanye n’imiryango y’abaherezi kandi zikaba zirimwo izina ry’Imana. Injo z’i Lakishi ziradufasha gutahura ibijanye n’ukuntu ibintu vyari vyifashe mu vy’intwaro be n’ibijanye n’umudurumbanyo wari mu Buyuda imbere y’uko Abanyababiloni bahatera.—15/11, urupapuro rwa 12-14.
• Ni igiki kidushikana ku ciyumviro c’uko Luka ari we yanditse igitabu c’Ibikorwa?
Injili ya Luka be n’igitabu c’Ibikorwa vy’intumwa vyanditswe vyandikirwa Tofilo, ivyo bikaba vyerekana ko ivyo bitabu vyompi vyanditswe na Luka. Kuba mu gitabu c’Ibikorwa hakoreshwa imvugo “twe-” na “twa-” be na “-du-” na “-tu-”, vyerekana ko Luka yagize uruhara mu bintu bimwebimwe bidondorwa muri ico gitabu (Ibikorwa 16:8-15).—15/11, urupapuro rwa 18.
• Umukirisu akwiye kubona gute ivyerekeye guhiga no kuroba?
Kuva mu gihe ca Nowa, Imana yararekuriye abantu kwica ibikoko no kubifungura. Ariko rero, ibwirizwa ryo kubikuramwo amaraso rirashimika ku vy’uko ubuzima bw’ibikoko bukwiye kwubahirizwa kubera yuko bukomoka ku Mana. Abakirisu ntibakwiye kwica igikoko barondera kwikinira canke kunezerererwa kuba bacubuye canke bacishe. Birahambaye ko tugamburuka amategeko ya Sezari tukongera tukitwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi (Abaroma 14:13).—1/12, urupapuro rwa 31.