ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/12 rup. 8-9
  • Umusi mukuru wa gipagani, woba ushobora guhindurwa uwa gikirisu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umusi mukuru wa gipagani, woba ushobora guhindurwa uwa gikirisu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki mudahimbaza Noweli?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Imisi mikuru ya Noweli—Ahanini yibanda ku biki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/12 rup. 8-9

Umusi mukuru wa gipagani, woba ushobora guhindurwa uwa gikirisu?

MU RUSHANA rwo mu 2004, ikiringo ca Noweli caranzwe n’impari zikomeye mu Butaliyano. Abayobozi n’abigisha bamwebamwe barashigikiye iciyumviro kijanye no kugabanya ukwo bishoboka kwose, canke mbere gukuraho buhere ikintu ico ari co cose gifitaniye isano n’imigenzo yerekeye umusi mukuru wa Noweli uhimbazwa n’amadini. Ico ciyumviro bagishigikiye kugira ngo bubahirize abanyeshure bariko bararushiriza kwongerekana batari abagatolika canke abaporotisanti. Ariko rero, hari abandi bayobozi n’abigisha hamwe n’abandi bakora mu zindi nzego basavye ko iyo migenzo yubahirizwa ikongera ikazigamwa mu buryo bwuzuye.

Ariko none, uretse ukwo kutavuga rumwe, myinshi mu migenzo ijanye n’uguhimbaza Noweli yaturutse hehe? Kubera ko ivyo bihari vyariko birakomera cane, hari ibintu bishimishije ikinyamakuru c’i Vatikano citwa L’Osservatore Romano cavuze.

Ku bijanye n’igenekerezo umusi mukuru wa Noweli uhimbarizwako, ico kinyamakuru ca gatolika cavuze giti: “Umuntu afatiye kuri kahise, igenekerezo nyezina Yezu yavukiyeko ntirizwi kubera ko kahise ka Roma be na rusansuma rwagizwe n’umwami w’abami muri ico gihe hamwe n’ubushakashatsi bwagizwe mu binjana vyakurikiye bitaryerekana mu buryo butomoye. . . . Igenekerezo rya 25 Kigarama, nk’uko rizwi cane, ryacaguwe mu kinjana ca kane na Ekeleziya y’i Roma. I Roma, ahari hasanzwe hari imana nyinshi zisengwa, iryo genekerezo ryari ryagenewe ikimana Zuba. . . . Naho Konsitantino yari yaramaze gusohora itegeko rivuga ko ubukirisu bwemewe i Roma, igitito kivuga ivyerekeye . . . ikimana Zuba cari kikivugwa hose, canecane mu basoda. Imisi mikuru yavuzwe imbere y’aha, yose ikaba yabaye ku wa 25 Kigarama, yakomotse ku mugenzo wari usanzwe ugirwa n’abantu benshi. Ivyo vyatumye Ekeleziya y’i Roma ivuga ko uwo musi ufise insobanuro ya gikirisu mu gusubiriza ikimana Zuba n’Izuba ry’ukuri ry’Ubutungane, ni ukuvuga Yezu Kristu, baca bafata ko uwo musi ari uwo guhimbarizako ivuka ryiwe”.

Tuvuge iki ku vyerekeye igiti ca Noweli, ubu kikaba kiri mu migenzo y’idini rya gatolika?

Ca kiganiro nyene co muri ca kinyamakuru ca gatolika cavuze ko kuva kera na rindi, ibiti vyinshi vyama bitotahaye, nk’icitwa “umworeni hamwe n’amashami y’igiti co mu bwoko bw’isederi, vyabonwa ko bifise ubushobozi nsigabwenge canke ubushobozi bwo kuvura bushobora gutuma umuntu atarwara”. Cabandanije kivuga giti: “Buca haba Noweli, ni kuvuga ku wa 24 Kigarama, abantu bokwibutse Adamu na Eva, ivyo bakabigira bafise mu bwenge ibintu bizwi cane vyabaye vyerekeye ca Giti cari mw’Iparadizo yari kw’isi. . . . Ico giti gishobora kuba cari igiti c’ipome, ariko kubera yuko ico giti kitobaye kibereye gukoreshwa mu rushana, igiti co mu bwoko bw’isederi carashirwa ku mukiruruko, hanyuma ku mashami yaco hagashirwako amapome canke, kugira ngo hagereranywe Ugucungurwa kwari kwimirije, harategurwa amahostiya hakoreshejwe utuvunji tw’ibisuguti twabumbabumbwe mu buryo budasanzwe, utwagereranya ko Yezu ari mu Karistiya, hagategurwa n’utuntu dusosa be n’ingabirano vyo guha abana”. Bite ho inyuma y’aho?

Ca kinyamakuru L’Osservatore Romano, mu kuvuga ko umugenzo wo gukoresha igiti ca Noweli watanguriye mu Budagi mu kinjana ca 16, cagize giti: “Ubutaliyano cabaye kimwe mu bihugu vya nyuma mu kwemera igiti ca Noweli, ku ruhande rumwe vyatumwe n’uko hari urukurukuru rwariko rurakwiragira ku rugero runini ruvuga yuko ikoreshwa ry’ibiti vya Noweli wari umugenzo wa giporotisanti, ko rero ivyo biti vyari bikwiye gusubirizwa [amashusho yerekana ivuka ry’akana Yezu]”. Papa Paulo wa gatandatu “yaratanguye umugenzo wo gushira [mu kibanza citiriwe Petero mweranda, i Roma] igiti amahero ca Noweli” hafi y’ahari amashusho yerekana ivuka ry’akana Yezu.

Woba ubona ko vyokwemerwa ko indongozi yinaka y’idini iha insobanuro isa n’iya gikirisu ibintu binaka vyabaye be n’ibimenyetso bikomoka mu migenzo ya kera ya gipagani? Birabereye kuba Ivyanditswe bihanura abakirisu b’ukuri biti: “Ubugororotsi n’ubugarariji vyifatanya bite? Canke umuco usangiye iki n’umwiza”?​—2 Abakorinto 6:14-17.

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Igiti ca Noweli (ku ruhande rubangikanye n’uru) be n’amashusho yerekana ivuka ry’akana Yezu biri i Vatikano

[Abo dukesha ifoto]

© 2003 BiblePlaces.com

[Ifoto ku rup. 9]

Ikimana zuba

[Abo dukesha ifoto]

Museum Wiesbaden

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika