“Ndabinginze munyakirire ako kagabirano kanje kabayabaye”
AYO majambo yanditswe mw’ikete ryandikiwe ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya. Iryo kete ryaje riherekejwe n’igisandugu kinini cuzuye amashesheti ajishwe mu nyuzi zo mu bwoya bw’ibitungwa.
Iyo ngabirano yarungitswe n’umukenyezi yitwa Alla w’Icabona ca Yehova afise imyaka 67, akaba akukira ishengero riri mu karere k’Uburusiya kataziriwe ngo Ubuseruko bwa kure. Alla yari amaze imyaka irenga cumi asukurira Yehova, yamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami. Ariko rero, indwara yonona ubwonko yatumye igice kimwe c’umubiri wiwe kimugara nticaba kigikora. Naho ari ukwo, abitumwe n’urukundo, Alla yarakurikiye ingendo nk’iya wa mukenyezi mukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Doruka, uwajishira uduhuzu abo bisangiye ukwizera.—Ibikorwa 9:36, 39.
Mw’ikete ryiwe, Alla yanditse ati: “Amaguru yanje ntagikora, yamara ndacashobora gukoresha amaboko yanje. Ni co gituma namamaza mu kwandika amakete”. Yongeyeko ati: “Narafashe ingingo yuko, magingo nzoba ngishoboye gukoresha amaboko yanje, nzojisha udushesheti dukeyi dususurutsa. Nipfuza ko utu dushesheti twohabwa abavukanyi n’abavukanyikazi baja kwubaka Ingoro z’Ubwami mu turere dukanye, nko mu Buseruko bwa kure be no muri Siberiya”.
Ku vyerekeye abayoboke nyakuri biwe, Yezu Kristu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu” (Yohani 13:35). Urukundo nk’urwo rwagaragajwe na Alla ni ikimenyetso kiranga abigishwa b’ukuri ba Yezu.