ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/11 rup. 32
  • Woba utagisha uturyo two kubwira abandi ivyo wizera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba utagisha uturyo two kubwira abandi ivyo wizera?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/11 rup. 32

Woba utagisha uturyo two kubwira abandi ivyo wizera?

“UKURI gushitse kwoba kubaho?”. Uwo ni wo wari umutwe w’ihiganwa ry’ivy’ukwandika ryatunganijwe mu gihugu cose muri Polonye. Ubuyobozi bwari kwisungwa mu kwandika bwagira buti: “Abantu ntibakeneye ukuri gushitse. Nta n’umwe agukeneye. Kira noneho ukuri gushitse ntikubaho”. Umunyeshure umwe wo mu mashure yisumbuye afise imyaka 15 yitwa Agata, uno akaba ari Icabona ca Yehova, yahisemwo gukoresha ako karyo kugira ngo abwire abandi ivyo yizera mu vy’idini.

Kugira ngo yitegurire kwandika ku bijanye n’ico kintu, Agata yabanje gusenga Yehova amusaba ubuyobozi maze aca atangura kwegeranya amakuru ajanye na wa mutwe w’iryo higanwa. Yararonse amakuru yerekeye uwo mutwe ayakuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1995. Yarasubiyemwo ca kibazo Pilato yabaza Yezu, na co kikaba kigira giti: “Ukuri ni iki?” (Yohani 18:38). Yavuze yuko ico kibazo carimwo agahemo, avuga ko ari nk’aho Pilato yariko avuga ati: ‘Ukuri? Ico co ni igiki? Nta kuri kubaho!’. Agata yanditse ati: “Ikibazo ca Pilato kinyibutsa ubuyobozi bwatanzwe ngo tubwisunge muri iri higanwa”.

Ubukurikira yaciye avuga ivyerekeye ikwiragira ry’iciyumviro c’uko ikintu umuntu umwe abona ko ari ukuri, uwundi ashobora kubona ko atari ukuri, kandi bikitwa ko bompi bashobora kuba bavuga ivyumvikana. Yarabajije iki kibazo: “Ni nde muri twebwe yokwiyumviriye gufata urugendo mu ndege iyo tutaba twemera ko amategeko yavuye mu vyigwa vy’ukuntu ibigendajuru vyiyunguruza ari ay’ukuri bimwe vyuzuye?”. Yaciye yerekeza kuri Bibiliya mu kuvuga ati: “Ukwiheka kw’Ijambo ry’Imana bishingiye rwose ku bintu umuntu ashobora gusuzuma”. Yaravuze yuko yizigiye ko abantu barondera ata buryarya ukuri gushitse bazokwihangana gushika bakuronse.

Biciye ku rwandiko, Agata yararonse agashimwe kadasanzwe, kandi yararonse akaryo ko gushikiriza ivyo yanditse imbere y’abanyeshure bigana. Muri abo banyeshure, abatari bake baremeye ko yotangura kubigisha Bibiliya. Agata arahimbarwa no kubona yarakoresheje ako karyo kugira ngo abwire abandi bantu benshi ivyo yizera. Ni vyo, kwama witeguriye gukoresha akaryo uronse ko kubwira abandi ivyo wizera birashobora kuvamwo ivyiza. None ubona ari uturyo utuhe utogisha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika