Igituma kwicisha bugufi bitoroshe
ABANTU benshi bashobora kuba babona yuko ukwicisha bugufi ata kibanza gufise mw’isi ya kino gihe. Abantu baja imbere abandi kandi basa n’abererwa kuruta abandi ni bo usanga bishira imbere, birata, ugasanga kandi ari bo bumira ku kuronka ivyo bipfuza. Abantu muri rusangi usanga banohokera ukuntu abantu batunze kandi bavugangwa babayeho, mugabo ntibanohokore ukuntu abantu babayabaye kandi bicisha bugufi babayeho. Abantu baroranirwa, akenshi bavuga ko baroraniwe bivuye ku buhanga bwabo. Aho kwicisha bugufi, barihayagiza babigiranye ubwishime kubera yuko baba baroraniwe.
Umushakashatsi umwe wo muri Kanada yaravuze ibijanye n’“ukwaduka kw’agatima ko kwikwegerako” aho mu gihugu iwabo. Abandi biyumvira yuko tubayeho mu kibano aho ukwiryohererwa biruta kubaho umuntu yitwararika ibintu, kandi bakaba babona ko muri kino gihe abantu barushiriza kuba abironderera ivyabo gusa. Mw’isi imeze gutyo, ukwicisha bugufi kwoshobora gusa n’uko ari kamere idakwiye kwitwararikwa cane.
Ego ni ko, ni abantu bakeyi boshobora kurwanya iciyumviro c’uko ari vyiza ko abandi bicisha bugufi, kubera yuko usanga vyoroshe kubana n’abantu batishira hejuru. Yamara rero, muri ino si yacu irangwa n’agatima ko guhiganwa, hari abiyumvira yuko mu gihe bokora ibintu bicishije bugufi, abandi bohava babona ko ari ubugoyagoye bafise.
Ijambo ry’Imana Bibiliya ryari ryaravuze yuko muri kino gihe cacu abantu bobaye ari “abishima, abibona” (2 Timoteyo 3:1, 2). Ubwo none ntiwemera ko ubwo buhanuzi buriko buraranguka? Woba ubona agaciro ko kuba umuntu yicisha bugufi? Canke woba ubona ko umuntu yicisha bugufi ashobora kubonwa nk’uwufise ubugoyagoye, vyoroshe ko abandi bamugendera ku gakanu?
Ikizwi co ni uko Bibiliya itanga imvo zumvikana zotuma duha agaciro ukwicisha bugufi tukongera tukagutsimbataza. Iratuma tubona iyo kamere mu buryo bwiza kandi buri ku burimbane, ikongera ikerekana yuko ukwicisha bugufi nyakuri atari ubugoyagoye ahubwo ko ari ikintu cerekana ko umuntu afise inkomezi. Ikiganiro gikurikira kirasigura igituma ari ukwo biri.
[Ifoto ku rup. 3]
Dukwiye kwiyumva gute ku bijanye n’ivyo tuba twashitseko?