ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 32
  • “Ukuri ni iki?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ukuri ni iki?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 32

“Ukuri ni iki?”

ICO ni co kibazo Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato yabajije Yezu n’akagaye n’akantu. Ntiyari anezwe ivyo kumenya inyishu y’ico kibazo, kikaba ari co gituma Yezu ata nyishu yamuhaye. Kumbure Pilato yabona ko ukuri ari ikintu kigoye cane gutahura.​—Yohani 18:38.

Ako gatima ko kudaha agaciro ukuri karibonekeza mu bantu benshi muri kino gihe, ushizemwo indongozi z’amadini, abigisha, be n’abanyapolitike. Babona ko ukuri, na canecane ukwerekeye ikibi n’iciza be n’ukwerekeye ivy’Imana, atari ukuri gushitse ahubwo ko kuvana n’uko ibintu biba vyifashe kandi ko kwama guhindagurika. Ivyo rero bica bisigura ko abantu ubwabo bashobora kwimenyera iciza canke ikibi (Yesaya 5:20, 21). Ivyo kandi bituma abantu babona ko ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako zijanye no kumenya ikibereye n’ikitabereye zisungwa n’abakera zamaze guta igihe.

Amajambo yatumye Pilato abaza ico kibazo arahambaye. Yezu yari ahejeje kuvuga ati: “Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri” (Yohani 18:37). Kuri Yezu ukuri ntikwari ikintu kidatomoye, ikintu umuntu adashobora gutahura. Yasezeraniye abigishwa biwe ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya”.​—Yohani 8:32.

None umuntu yokura hehe mwene ukwo kuri? Igihe kimwe Yezu yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ukuri” (Yohani 17:17). Bibiliya, iyanditswe n’abantu bahumekewe n’Imana, irahishura ukuri gutanga ubuyobozi bwo kwizigirwa n’icizigiro ntakekeranywa ku bijanye na kazoza, ni ukuvuga icizigiro co kuronka ubuzima budahera.​—2 Timoteyo 3:15-17.

Abigiranye ukutanegwa ibintu, Pilato yaranse akaryo ko kumenya ukwo kuri. Weho bite? Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova ngo bagufashe kumenya vyinshi ku bijanye n’“ukuri” Yezu yigishije? Bazohimbarwa no kugufasha gutahura ukwo kuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika