ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/9 rup. 3
  • Ni kubera iki Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kubera iki Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Ni Kuki Imana Ireka Abantu Bagacumukura?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Yeremiya 11:11: «Nzobazanako ivyago»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ni kubera iki Imana ireka tugacumukura?
    Be maso!—2004
  • Uguhumurizwa Turonkera ku Bumenyi Ntagakosa Bwerekeye Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/9 rup. 3

Ni kubera iki Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi?

SI NGOMBWA ngo wirirwe uraja kure kugira ngo ubone ukuntu ububisha be n’ugucumukura vyiraye. Intambara zirahitana abanyagihugu cokimwe n’abasirikare. Ubukozi bw’ikibi n’ubukazi bisigaye ari ibisanzwe. Kumbure woba uherutse kwinubwa canke kurenganywa. Ufatiye ku vyo wabonye canke ku vyagushikiye, birashoboka rwose ko woba waribajije uti: ‘Ni kubera iki Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi?’.

Ico kibazo si gishasha. Haraheze hafi imyaka 3.600 umusavyi w’Imana w’intahemuka yitwa Yobu abajije ati: “N’iki gituma abanyakibi babaho?” (Yobu 21:7). Igihe umuhanuzi Yeremiya, uwabayeho mu kinjana c’indwi B.G.C., yari ateshejwe umutwe n’ububisha bwakorwa n’abantu bo mu gihugu ciwe, yabajije ati: “Mbeg’igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?” (Yeremiya 12:1). Yobu na Yeremiya bompi bari bazi ko Imana igororotse. Yamara, baribajije igituma hari ubukozi bw’ikibi bungana ukuraho. Kumbure na wewe ivyo biragusiga ubwenge.

Abantu bamwebamwe babona ko ubukozi bw’ikibi n’ugucumukura vyobazwa Imana. Abandi na bo baribaza bati: ‘Asangwa Imana ari inyabushobozi, itunganye kandi ikundana, none ni kubera iki idakuraho ububisha n’ugucumukura? Ni kubera iki yaretse ikibi kikabandanya gushika n’uno musi?’. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bibazo bihambaye.

[Ifoto ku rup. 3]

AP Photo/Adam Butler

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika