ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/8 rup. 32
  • Akamaro k’ukwandika muri Isirayeli ya kera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akamaro k’ukwandika muri Isirayeli ya kera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/8 rup. 32

Akamaro k’ukwandika muri Isirayeli ya kera

WOBA urigera usoma bimwebimwe mu bigize ivyese bibiri bihambaye vyo mu Bugiriki bwa kera, ivyo na vyo akaba ari icitwa Iliade be n’icitwa Odyssée? Vyiyumvirwa ko ivyo vyese vyatunganijwe mu kinjana c’icenda canke c’umunani imbere y’igihe cacu. None ivyo vyese bitandukaniye he na Bibiliya, iyatanguye kwandikwa ibinjana vyinshi imbere y’aho? Hari imbumbe imwe (The Jewish Bible and the Christian Bible) ivuga iti: “Bibiliya irimwo n’imiburiburi ahantu hashika 429 havuga ibijanye n’ukwandika be n’ivyandikano. Ivyo biri n’ico bivuze twibutse ko ca cese citwa Iliade kirimwo ahantu hamwe gusa havuga ibijanye n’ukwandika, kimwe na co citwa Odyssée kikaba ata na hamwe kibivuga”.

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Oxford Encyclopedia of Archaeology in the Near East) gisigura yuko “muri Isirayeli ya kera bisa n’uko ukwandika kwari mu bintu nyamukuru vyari bigize ugusenga”. Nk’akarorero, isezerano ry’Ivyagezwe ryaranditswe maze mu nyuma riza rirasomerwa abagabo bose, abagore bose be n’abana bose ku mugaragaro, ivyo bikagirwa ubudahorereza. Vyongeye, ryarasomwa rikongera rikigwa n’abantu, baba bakoraniye hamwe canke bari ukwa bonyene. Aho uwitwa Alan Millard umwigisha mukuru wo kuri Kaminuza y’i Liverpool arimburiye ibintu bimwebimwe vyaranga Ivyagezwe, asozera ati: “Biribonekeza ko gusoma no kwandika vyabonwa ko bigira ico bikoze ku buzima, mu mice yose y’abantu”.​—Gusubira mu vyagezwe 31:9-13; Yosuwa 1:8; Nehemiya 8:13-15; Zaburi 1:2.

Intumwa Paulo arasigura ingene abakirisu bakwiye kubona ivyanditswe vyeranda, ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba”. Woba ubwawe uha agaciro Bibiliya mu kuyisoma udahorereza?​—Abaroma 15:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika