ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/8 rup. 32
  • Inyonga z’Imana zoba ziri kuri wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyonga z’Imana zoba ziri kuri wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/8 rup. 32

Inyonga z’Imana zoba ziri kuri wewe?

UBWO Yehova wa Muremyi w’Umuhanga, yoba afise ubushobozi bwo kubona? Cane nyene! Bibiliya iradufasha kuzirikana mu buryo butomoye mu kubaza iti: “Iyabumvye ijisho, yobura kubona?” (Zaburi 94:9). Ubushobozi Yehova afise bwo kubona buraruta kure n’iyo ubw’abantu. Ntabona gusa uko tuboneka inyuma ariko kandi “[ara]gerageza imitima”, ni ukuvuga ko ayisuzuma. Bisubiye arashobora “[ku]gera imitima ku munzane” (Imigani 17:3; 21:2). Ni vyo, arafise ubushobozi bwo gusuzuma ivyiyumviro vyacu, imvo zituma dukora ibintu be n’ivyipfuzo vyo mu mitima yacu.

Yehova arabona ingorane duhura mu buzima kandi arishura ugutakamba kwacu. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo. Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse” (Zaburi 34:15, 18). Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova atahura uko ivyacu vyifashe kandi yishura ugutakamba kwacu kuvuye ku mutima!

Yehova Imana arabona ibikorerwa mbere no mu kinyegero. Mu vy’ukuri, “vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze” (Abaheburayo 4:13). Uca wumva rero ko Imana ibona ivyo dukora vyose vyaba vyiza canke bibi (Imigani 15:3). Nk’akarorero, mw’⁠Itanguriro 6:8, 9 havuga ko ‘Uhoraho yashimye Nowa’, hakongera hakavuga ko Nowa “yagendana n’Imana”. Egome, Yehova yarashimye Nowa yongera aramuhezagira kubera yuko yamugamburukira kandi agashigikira ingingo ngenderwako zigororotse ziwe (Itanguriro 6:22). Ariko abantu bo mu gihe ca Nowa bo bari inkazi kandi bari barononekaye mu vy’inyifato runtu. Imana yarabona ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe. Bibiliya ivuga iti: “[Yarabonye] ibibi vy’abantu ingen’ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo”. Amaherezo, Yehova yarasanganguye abantu b’inkozi z’ikibi mugabo azigama Nowa be n’umuryango wiwe.​—Itanguriro 6:5; 7:23.

None weho, Yehova yoba agushima? Mu vy’ukuri, inyonga za Yehova “zinyuranga[na] mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye” (2 Ngoma 16:9). Ubu bwa vuba azosubira gukuraho abantu bose b’inkozi z’ikibi maze arokore abicisha bugufi mu mutima.​—Zaburi 37:10, 11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika