Ukwizera kw’umuvyeyi umwe gutsinda icago
“Nimba muriko murasoma iri kete, bisigura yuko ntarokotse igihe nariko ndabagwa kandi ko ntakiri kumwe namwe”.
AYO ni yo majambo atangura mw’ikete umuvyeyi umwe mukirisu yitwa Carmen yandikiye abakobwa biwe batatu. Uwa mbere afise imyaka 25, uwukurikira afise 19, uwa nyuma na we 16. Nk’uko vyahavuye bigenda, iryo bagwa ntaco ryavuyemwo kandi ikibabaje Carmen yarahasize ubuzima.
Gusiga abakobwa batatu mu bihe biteye agahinda nk’ivyo, emwe nta muntu n’umwe vy’ukuri bitovuna umutima! Ariko rero, ukwizera gukomeye uwo muvyeyi yari afitiye Yehova n’imihango yatanze kwaratsinze bimwe biboneka ico cago, kuratuma agira amahoro yo mu mutima, ivyo na vyo bikaba vyibonekeza cane mw’ikete yanditse rikora ku mutima. Ehe raba ivyo yandikiye abakobwa biwe.
“Imbere ya vyose, nashaka kubabwira ko ndabakunda n’umutima wanje wose. . . . Muri abakobwa bameze neza cane kuruta abandi umuvyeyi yoshobora kugira, kandi ndabanezerererwa cane.
“Icipfuzo canje cari ico kubandanya ndi kumwe namwe gushika mw’isi nshasha Imana yasezeranye . . . , ariko kubera ko bidashobotse, narasavye Imana ko yobafasha kugira ngo mubandanye muri intahemuka nk’uko mwamye. Twarihanganiye ingorane nyinshi turi kumwe kandi Yehova ntiyigeze aduheba. . . . Nuko rero, muragume mwizigira ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe mwongere mugume mushigikira ishengero be n’abakurambere. Muramamaza kenshi uko muzoba mubishoboye kwose, mwongere mukunde abavukanyi bose.
“Dutandukanye ku bw’igihe gito. . . . Ndabinginze mungirire imbabazi ku makosa yose nabagiriye no ku bihe vyose vyashitse sindabatahure canke sindababwire ko ndabakunda cane. . . . Ndazi yuko umwumwe wese muri mwebwe afise ivyo akeneye yisangije. Yehova arazi ivyo mukeneye kurusha uko mwebwe ubwanyu mubizi kandi azobaronsa ikintu cose mukeneye yongere abahe impera ku bw’ivyo vyose mwihanganiye.
“Ntimwigere mwibagira ihangiro ryanyu ko ari iryo kubaho mw’isi nshasha, kandi murame mukora uko mushoboye kugira ngo muze murishikire. Ese Yehova yobahezagira akongera akabakomeza kugira ngo muze mube intadohoka gushika kw’iherezo. . . . Ntimubabare bakobwa banje nkunda cane. Ndabakunda”!
Icago kirashobora gushikira uwo ari we wese kandi mu gihe ico ari co cose. Umwami Salomo yanditse ati: “Ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose” (Umusiguzi 9:11). Ariko rero abizera Imana bimwe bikomeye, barashobora gukurwa amazinda nka kumwe kw’intumwa Paulo uwavuze ati: “Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubu[zima], . . . cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu”.—Abaroma 8:38, 39; Abaheburayo 6:10.