ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/5 rup. 3-4
  • Woba ufise ubwoba ku bijanye na kazoza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise ubwoba ku bijanye na kazoza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Nutsimbataze Umutima wo Gutinya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nutinye Yehova Kandi Witondere Ivyagezwe Vyiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/5 rup. 3-4

Woba ufise ubwoba ku bijanye na kazoza?

HARI ibintu vyinshi bituma abantu bagira ubwoba. Nk’akarorero, hari abafise ubwoba ku bijanye n’ibiraririye gushikira isi. Ikinyamakuru Time casohotse ku wa 3 Ndamukiza 2006 kivuga giti: “Ibintu bitandukanye biba, nk’ibihe vy’ubushuhe budasanzwe, ibihuhusi, imyuzure, imiriro n’ishonga ry’ibibarafu amahanga, vyerekana ko kw’isi yose ikirere gisigaye cifashe nabi cane”.

Muri Rusama 2002, Umugambi w’Ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe ibidukikije warasohoye icegeranyo kivuga ibijanye n’ukuntu ibidukikije vyifashe (Global Environment Outlook-3). Ico cegeranyo uwo mugambi wagiteguye ubifashijwemwo n’abantu barenga 1.000. Amakuru amwe yashikirijwe yavuze yuko ico cegeranyo cagize giti: “Umubumbe wacu ugeze aho umwansi ashaka ku buryo bikenewe ko hafatwa ingingo uravye ukuntu ibintu abantu bakora bigira ingaruka mbi ku mashamba, ku biyaga, ku nzuzi, ku misozi, ku bikoko be no ku bindi bintu bituma ubuzima bushoboka bikongera bikaba ari na vyo ubuzima bw’abantu baruka ubu n’ubw’abazokwaruka muri kazoza buhagazeko”.

Ukuntu ibidukikije vyo kw’isi yose vyifashe muri iki gihe ni kimwe gusa mu bintu bituma abantu bahagarika umutima. Kw’isi yose usanga abantu babayeho batekewe n’ubwoba bw’ibitero vya ba gaterabwoba. Icegera c’umuyobozi w’urwego rukuru rujejwe iperereza muri Kanada, cavuze giti: “Turara tutagohetse kubera uguhagarika umutima ku bijanye n’ibintu biduhanamiye tutazi”. Mu vy’ukuri, no kuraba gusa amakuru yo ku mugoroba ashikirizwa ku mboneshakure birashobora gutuma umuntu ahagarika umutima!

Abakuze benshi b’inshirukabute mu kazi usanga batinya gukurwa mu kazi. Ugukurwa mu kazi, ukwugarwa kw’amahinguriro, uguhiganwa kw’abakozi be n’ibintu amananiza abakoresha basaba abakozi babo, birashobora gutuma umuntu yumva adatekaniwe mu bijanye n’akazi. Abana b’imiyabaga baratinya kudahabwa nirwere na bagenzi babo. Abana bakiri bato boshobora guhagarika umutima ku bijanye n’uko abavyeyi babo batoba babakunda vy’ukuri. Ariko tuvuge iki ku bijanye n’ukuntu ibintu vyifashe mw’isi ibakikuje? Inabibondo umwe ahagaritswe umutima n’uko ibintu vyifashe avuga ati: “Igihe abakiri bato be n’abataramenya utuntu n’utundi baba bari ahandi hantu atari i muhira iwabo, bategerezwa rimwe na rimwe kuba bumva nk’aho bari ahantu hateye ubwoba cane”. Vyongeye, abavyeyi benshi barahagaritswe umutima n’ukuntu ugutituka kw’inyifato runtu mw’isi kuriko kuragira akosho ku babo, na canecane ku bana babo.

Akenshi abageze mu zabukuru usanga batinya kugwa igihe baba bariko baduga canke bamanuka ku ngazi zo mu nzu, canke bagatinya kugirirwa nabi igihe baba bari ku nzira. Ni vyo, ‘baratinya igishizwe hejuru, ubwoba bukabatera bari mu nzira’ (Umusiguzi 12:5). Abantu baratinya kurwara indwara ikomeye. Kwumva inkuru zerekeye imigera y’inyonko ishobora kwica, kanseri be n’indwara zandukira, birashobora gutuma dutinya kwandura iyindi ndwara itari isanzwe imenyerewe yoshobora kutumugaza canke kuduhitana, twebwe be n’umuryango wacu. Ku bijanye n’ivyo, igihe tubonye abantu bari basanzwe bafise amagara meza, baritera bakarisama, barwaye ku buryo basigara bafise amagara make, ntibibura gutuma duhagarika umutima tukibwira yuko ivyabashikiye bizodushikira natwe canke bigashikira abacu. Urazi ga ntuze ukuntu bibabaje kwihweza mu maso h’umuntu arwaye maze ukabona ko yihebuye!

Uravye ukuntu hari ibintu vyinshi bituma tugira ubwoba, hoba hari imvo n’imwe yumvikana yotuma twizigira ko kazoza kazotugendera neza? Hoba hari ikintu coshobora gutuma tuguma tubona ko ibintu bizogenda neza? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

© Jeroen Oerlemans/Panos Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika