Ivyo bibūra birahambaye cane kuruta ivyo ikirere kibūra
MU BIHUGU nka vyose usanga hariho imyibutsa ivuga ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Nk’akarorero hari umwibutsa uvuga uti: Ijuru ritukuye ku mugoroba, uwutwara ubwato aranezerwa; ryatukura mu gitondo akagenda agavye. Muri iki gihe, abahinga mu vy’ikirere, bishimikije ubuhinga bwa none baratanga impamvu zerekana igituma ikirere gishobora kugenda kirahinduka gushika aho kimera nk’uko uwo mwibutsa ubivuga.
Mu gihe ca Yezu na ho nyene abantu bari bamenyereye ivyo kwihweza ikirere maze bagaca batanga insobanuro bafatiye ku kuntu gisa. Hari Abayuda Yezu yabwiye ati: “Iyo bugorovye, muravuga muti buca haba umuco, kukw ijuru [“ritukura nk’umuriro”, NW]. Mu mutwenzi, muravuga muti hagira hafurungane, kukw ijuru [“ritukura nk’umuriro”, NW] kandi ryiraburaniwe. Murazi kugenzura ijuru uko risa, ariko . . . ”. Ariko iki? Yezu abandanya mu kuvuga ikintu kidasanzwe ati: “Ibimenyetso vy’ibihe ntimuzi kubigenzura”, ari kwo kubisobanura.—Matayo 16:2, 3.
Ivyo “bimenyetso vy’ibihe” vyari ibihe? Vyari ibintu vyinshi bitomoye vyerekana ko Yezu yari we Mesiya w’ukuri yaje ava ku Mana. Ivyo yakora umuntu yarashobora kubibona bitagoranye nka kurya nyene ashobora kubona ko ijuru ritukura. Ariko rero, benshi mu Bayuda barirengagije ibimenyetso vyerekana ko Mesiya yari yaraje, kandi ari vyo vyari bihambaye cane kuruta ihindagurika ry’ikirere.
No muri iki gihe nyene, hariho ikimenyetso gihambaye cane dukeneye gutahura kuruta uko dutahura ukuntu ikirere coba gisa. Yezu yari yaravuze yuko iyi si mbi yosanganguwe kugira ngo haboneke isi nziza. Yaravuze ibintu bitari bike vyobaye, vyose hamwe bikaba vyokwerekanye igihe iryo hinduka ryobaye rigira rishike. Muri ivyo harimwo intambara be n’amapfa biba hirya no hino kw’isi. Yezu yavuze yuko ivyo bintu tubibonye twociye tumenya ko igihe c’uko Imana igira ico ikoze kiri hafi.—Matayo 24:3-21.
Woba ubona “ibimenyetso vy’ibihe”?