ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/3 rup. 32
  • ‘Yaratugobereye’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Yaratugobereye’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/3 rup. 32

‘Yaratugobereye’

ABANTU bo mu bihugu vyo muri Aziya usanga ari abakiranyi cane. Nk’akarorero mu Buhindi, abagize umuryango boshobora kwemera gutubika uwa vubi kugira ngo ivyo bari gufungura babizimane umushitsi batari biteze. Muri Irani, inarugo yama yuzuza firigo ibifungurwa kugira ngo ashobore kuronka ico azimana abashitsi bomugendera atari avyiteze.

Mwene ako gatima ko gutanga, karigaragaje mu bantu benshi bavugwa muri Bibiliya. Akarorero kamwe kadasanzwe ni aka Ludiya, uwo akaba ari umugore ashobora kuba yari yarahindukiriye idini ry’Abayuda, yaba i Filipi, igisagara gikuru co mu ntara ya Makedoniya. Ku musi umwe w’isabato, intumwa Paulo ari kumwe n’abo bari bafatanije urugendo, basanze Ludiya hamwe n’abandi bagore bakoraniye iruhande y’uruzi rwari inyuma y’ico gisagara. Ico gihe, Paulo ariko aravuga, Yehova yaruguruye umutima wa Ludiya. Ico vyavuyemwo, ni uko we hamwe n’abo mu rugo rwiwe bahavuye babatizwa. Amaze kubatizwa yaciye yinginga izo ngenzi ati: “Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, nimuze i wanje”. Luka, uwari yafatanije urugendo na Paulo, avuga ko Ludiya ‘yabagobereye’ ngo bemere.​—Ivyakozwe n’intumwa 16:11-15.

Nk’ukwo kwa Ludiya, abakirisu bo muri iki gihe baragaragariza ubwakiranyi abo basangiye ukwizera, nk’akarorero abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo. Abo bakirisu b’abakiranyi ‘baragobera’ abo bacungezi n’abakenyezi babo ngo bemere kwakirwa na bo. Abo bagaragaza agatima k’ubwakiranyi, baraheza na bo bakungukira ku biyago vyubaka bagirana n’abo basangiye ukwizera baba bakiriye. Naho benshi mu Vyabona vya Yehova usanga bafise uburyo buke, ‘barakurikira inzira y’ubwakiranyi’ (Abaroma 12:13, NW; Abaheburayo 13:2). Ako gatima ko gutanga bafise karatuma bahimbarwa. Yezu yavuze ukuri nk’ukurima igihe yagira ati: “Gutanga kuzana [“ubuhirwe”, NW], kuruta guhabga”.​—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika