Ari ukworoha, iroroshe, ariko none yoba itarimwo amakosa?
MURI Nyakanga 2005, idini ry’abangilikani ryaremeje n’akanyamuneza kenshi ugusohorwa kwa Bibiliya yitwa Bibiliya y’iminuta 100 (mu congereza). Iyo Bibiliya nshasha, iyateguriwe gusomwa mu minuta 100, ivuga Ivyanditswe vy’igiheburayo mu ncamake igizwe n’ibice 17, aho kimwekimwe cose gihwana n’urupapuro, Ivyanditswe vy’ikigiriki na vyo ikabivuga mu ncamake igizwe n’ibice 33, aho kimwekimwe cose gihwana n’urupapuro. Gutyo, nk’uko umugabo umwe yihweza utuntu n’utundi abivuga, irihoza “ibihimba birambira” umusomyi vyose. Emwe, ari ukworora gusoma, iroroshe, ariko none yoba itarimwo amakosa?
Uretse yuko itarimwo izina ry’Imana, ari ryo Yehova, hariho ibindi bintu bitari bike vyagiye biravugwa ukutari kwo bishobora kubonwa n’abiga Bibiliya nya kuyiga (Yesaya 12:2). Nk’akarorero, igice ca 1 kivuga yuko ngo Imana “yaremye ijuru n’isi mu kiringo c’imisi itandatu”. Yamara mw’Itanguriro 1:1, hivugira gusa hati: “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi”. Inkuru yo muri Bibiliya ihejeje kuvuga ivyo, ica ivuga ibindi bikorwa vy’irema bijanye n’isi, ivyo bikaba vyamaze “imisi” itandatu, canke mu yindi mvugo ibiringo bitandatu. Maze, mw’Itanguriro 2:4 haca havuga mu majambo avunaguye ikiringo cose irema ryatwaye, hakacita “umusi Uhoraho Imana yaremeyekw isi n’ijuru”.—Ni twe dushimitse.
Iyo Bibiliya y’iminuta 100 ivuga yuko ngo Yobu, umugabo w’intadohoka, yatewe n’“umwe mu basavyi [b’Imana], ari we Shetani, . . . uwari afise igikorwa co kurega abantu”. Woba ubona ingene aho hantu harimwo ukwivuguruza? Ijambo “Shetani” risigura “Murwanizi”. Shetani, aho kuba umusavyi w’Imana, mu vy’ukuri ni umwansi mukuru wayo kandi ni we yigize umureganyi arega abantu.—Ivyahishuriwe 12:7-10.
Twovuga iki ku bijanye n’igihimba c’iyo Bibiliya y’iminuta 100 c’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu? Muri wa mugani w’intama n’impene, iyo Bibiliya nshasha ivuga ko Yezu ashima abafashije umuntu “uwo ari we wese, naho yoba ari uwo hasi”, kandi mu vy’ukuri Yezu yavuze ko ahezagira abagirira neza abayoboke biwe bagera ikirenge mu ciwe, ni ukuvuga ‘bene Se’ (Matayo 25:40). Incamake y’Ivyahishuriwe ivuga ko “Roma, ari yo Babiloni hahambaye, yosanganguwe igaherengetezwa”. Yamara rero, abatohoji ba Bibiliya barazi ko ata kintu na kimwe co mu vyanditswe vyo mu ntango cotuma tuvuga ko ‘Babiloni hahambaye’ ari yo Roma.—Ivyahishuriwe 17:15–18:24.
Ku bantu barondera kumenya Umuremyi wacu no gutahura umugambi wiwe, nta kintu na kimwe coza gisubirira Bibiliya yose uko yakabaye. Ni ivy’ukuri yuko gusoma Bibiliya yose bifata umwanya urenga iminuta 100, yamara kuyisoma yose birashobora kuzana impera zitagira uko zingana (Yohana 17:3). Ese wokwemera kugira ico kintu gisaba akigoro kanini, maze ukironkera izo mpera!—2 Timoteyo 3:16, 17.