Noweli iriko igana he?
HARAHEZE imyaka cumi ikinyamakuru kimwe (U.S.News & World Report) gisohoye ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Ukurondera ivyerekeye Noweli”. Ico kiganiro carashimitse ku bijanye n’ukumenya niba Noweli yariko “irarushiriza kuba iyityoroye, itagiramwo urudandaza”. Ivyo vyoba ari kwo bimeze?
Ico kiganiro caratanze imvo zodufasha gutahura igituma tudakwiye kwitega ko vyomera gutyo. Cavuze giti: “Nta hantu na hamwe havuga ivy’uko guhimbaza ivuka rya Kristu vyoba vyari vyemewe n’amategeko imbere yo mu kinjana ca kane, igihe Konsitantino . . . yari umwami w’abami w’Uburoma”. Ivyo vyarerekanye ko “n’imiburiburi ico ari kimwe mu vyemeza yuko ata n’umwe yari azi neza igihe Yezu yavukiyeko”. Ico kiganiro caremeje yuko “injili ata co zivuga ku bijanye n’umwaka, icibagiwe co ni ukwezi n’umusi nyezina” Yezu yavukiyeko. Nk’uko umutohozakahise umwe wo muri Kaminuza y’i Texas abivuga, “abakirisu bo mu ntango ntibaja na gato mu vyo guhimbaza ivuka rya Yezu”.
Munsi y’agatwe kavuga ngo “Ni ikintu kitagira ishingiro”, ico kiganiro caraciye irya n’ino ibijanye n’“ukuntu amadini yashitse kw’igenekerezo rya 25 Kigarama”. Cavuze giti: “Iciyumviro cemerwa na benshi ni ic’uko uwo musi mukuru wari ufise intumbero yo gufata umusi mukuru wa Saturunaliya be n’iyindi misi mikuru ya gipagani bakayigira iya gikirisu”. Kibandanya giti: “Mu gushira Noweli mu mpera y’ukwezi kwa Kigarama, ico kikaba ari ikiringo abantu bari baramaze kumenyera guhimbarizamwo imisi mikuru, indongozi z’idini zarabona neza ko ivyo guhimbaza ivuka ry’Umukiza vyociye bikwiragira hose”. Hagati mu kinjana ca 19, ibintu vyarahindutse haza ivyo kugura ingabirano no kuzitanga. “Uwo mugenzo mushasha wo gutanga ingabirano kuri Noweli watumye abadandaza bagira ubutunzi bwinshi mu mwanya mutoyi, maze bafatanije n’abahayagiza ibidandazwa baca batangura guhayagiza ibijanye n’ico kiringo”.
Ku bw’ivyo, nta mvo n’imwe ihari yotuma twitega ko ukuntu Noweli ihimbazwa kutazofata izindi nzira, mugabo ntikuzokwigera gufata iyitumbera ku bukirisu nyakuri. Naho Noweli yo muri iki gihe irangwa n’“urudandaza rw’ibintu bisayangana”, ico twomenya co ni uko abakirisu b’ukuri batazokwigera bahimbaza ivuka rya Yezu. Ahubwo nyabuna, Bibiliya ishimika ku ncungu Kristu yatanze biciye ku rupfu rwiwe no kw’izuka ryiwe azukiye kuba mw’ijuru (Matayo 20:28). Ivyo gushika n’ubu birahambaye kandi bizoguma bihambaye.