Agatima keza ko mu kiringo ca Noweli koba kogaragazwa mu mwaka wose?
“Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw isi amahoro abe mu [“bantu bashimwa na yo”, “NW”]”.—Luka 2:14.
ABANTU amamiliyoni baramenyereye ayo majambo yerekeye ivuka rya Yezu abamarayika b’Imana babwiye abungere bari baraririye imikuku yabo mw’ijoro. Imbere n’inyuma y’igenekerezo abanyamadini bavuga ko ari ryo Yezu yavukiyeko, abiyita abakirisu benshi baragira utwigoro tudasanzwe two kuryohora inyifato yabo. Muri ico kiringo ca Noweli, abantu baritwararika cane kugaragaza kamere nk’umunezero, amahoro n’ukugira neza, izo na zo zikaba ari za kamere zivugwa muri bwa butumwa bwatangwa n’abamarayika.
Kamere nziza nk’izo usanga mbere zikundwa n’abantu badahimbaza Noweli bwa musi mukuru w’idini. Na bo nyene barashima igishika gisa n’ikiremeshwa mu kiringo co guhimbaza uwo musi mukuru. Mu mihingo aho usanga mu misi mikuru ya Noweli abakozi bataja ku kazi, abanyeshure na bo bari mu buruhuko, kaba ari akaryo ko kwiruhura, kumarana umwanya n’imiryango yabo hamwe n’abagenzi babo canke kwiryohererwa gusa. Ariko ntiwumve, abantu benshi b’umutima nziraburyarya babona ko Noweli ahanini ari ikiringo co gutera iteka Yezu Kristu.
Ukuntu abantu babona Noweli kwaba ukuhe, benshi bariyemerera yuko agatima keza ako ari ko kose gaserurwa muri ico kiringo kamara akanya nk’ako urume rumara. Abantu ntibateba gusubira kwigenza nk’uko bari basanzwe bigenza. Hari amajambo ari mw’ikete ryasohowe n’ibanki imwe yo muri Kanada (La Banque royale du Canada) munsi y’umutwe uvuga ngo “Agatima keza ko mu kiringo ca Noweli”, agira ati: “Abavuga ko ari abakirisu benshi cane baba gusa ababereye iryo zina mu mayinga makeyi buri mwaka, bakagirira neza abandi bantu gushika inyuma y’umusi mukuru w’Umwaka mushasha, aho baca basubira mu buzima bwabo buranga ubwikunzi batanezwe ineza y’abandi”. Iryo kete ryabandanije rivuga yuko “ikibabaje” ku bijanye n’ako gatima keza ko mu kiringo ca Noweli, ari uko abantu batakagumana “umwaka wose”.
Ivyo waba uvyemera canke utavyemera, haravyuka ibibazo bihambaye. Abantu boba bazokwigera bashobora kuguma batanga batitangiriye itama bakongera bakaguma batahurana? Hoba hariho icizigiro nyakuri c’uko bwa butumwa abamarayika bashikiriza mw’ijoro Yezu yavukiyeko buzoranguka? Canke icizigiro c’amahoro nyakuri coba ari indoto nsa?