Umucamanza yoba ashobora gukosorwa?
UWITWA Sladjana ni Icabona ca Yehova wo muri Korowasiya. Yari yahawe isango ryo kurenguka muri sentare ku bw’ibibazo bijanye n’amahera. Yashitse ku gihe imbere y’umucamanza. Ariko rero, uwo baburana yari yacerewe. Sladjana yari ashashaye gushinga intahe, ari na co gituma rero igihe bose bari barindiriye yariye umutima amenyo akavugisha nya mucamanza.
Yamubajije ati: “Mushinganta, waruzi ko vuba ata bacamanza be n’amasentare bizoba bikibaho kw’isi?”. Aho uca wumva ko yariko avuga barya bacamanza dusanzwe tuzi.
Uwo mucamanza yaramuravye gusa atangaye, ntiyagira ico avuga. Ako kanya, urubanza ruratangura. Igihe barangiza maze Sladjana agahaguruka kugira ashire umukono ku rwandiko runaka, nya mucamanza yarunamye amubaza amwongorera ati: “Birya uhejeje kumbwira yuko ngo vuba ata bacamanza n’amasentare bizoba bikibaho kw’isi, urazi neza ko ari ivy’ukuri?”.
Sladjana yishuye ati: “Mushinganta, ivyo ni ko biri, kandi aho sinkekeranya na gato!”.
Uwo mucamanza yaciye amubaza ati: “Ni igiki kibikwemeza?”.
Sladjana yishuye ati: “Bivugwa muri Bibiliya”.
Uwo mucamanza yavuze ko yoshima kuvyisomera, ariko nta Bibiliya yari afise. Sladjana yaciye amwemerera kuyimuronderera. Ivyabona baramugendeye, baramuha Bibiliya bongera bamuremesha kwiga Bibiliya ku ndwi ku ndwi. Uwo mucamanza yaremeye maze bidatevye araba Icabona ca Yehova.
Mu buryo bw’ubuhanuzi, muri Zaburi 2:10 hagira hati: “Noneho rero, mwa bami, ni muce ubgenge, mwa bacamanza bo mw isi, ni mwemere kugīrwa inama [“gukosorwa”, NW]”. Ese ukuntu vyeza umutima igihe abantu nk’abo bicisha bugufi bemeye ko Yehova abayobora abigiranye urukundo!
[Ifoto ku rup. 32]
Uwu ni Sladjana ari kumwe na nya mucamanza