Ubuyuda bwoba bwaramaze igihe ari umusaka?
BIBILIYA yari yaravuze yuko akarere kegukira ubwami bw’Ubuyuda kosanganguwe n’Abanyababiloni be n’uko kogumye ari umusaka gushika Abayuda bagarutse bavuye mu bunyagano (Yeremiya 25:8-11). Imvo ihambaye kuruta izindi zose ituma twemera yuko ubwo buhanuzi bwarangutse, ni inkuru yahumetswe ivuga ivya kahise yanditswe hashize nk’imyaka 75 inyuma y’aho umugwi wa mbere w’abari bajanywe ari inyagano ugarukiye mu gihugu cabo c’amavukiro. Iyo nkuru ivuga yuko “abācitse bagakira inkota, [umwami w’i Babiloni yabajanye] i Babuloni, abagira abaja biwe n’ab’abahungu biwe, gushitsa igihe Abaperesi bashikiriye ingoma”. Ku vyerekeye igihugu cabo na co, havugwa ibi: “Igihe cose camaze kikir’amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco” (2 Ngoma 36:20, 21). Hoba none ata kimenyamenya na kimwe co mu vyacukuwe gishigikira iyo nkuru?
Mu kinyamakuru kimwe (Biblical Archaeology Review), uwitwa Ephraim Stern, umuhinga mu bijanye n’ibicukurwa muri Palesitina wo kuri kaminuza y’Abayahudi, avuga ati: “Abashuri n’Abanyababiloni, bompi barasanganguye igice kinini ca Isirayeli ya kera, yamara ibimenyamenya vyo mu vyacukuwe vyerekana ko ukuntu Abashuri bahasize hameze gutandukanye cane n’ukuntu Abanyababiloni bahasize”. Asigura ati: “Mu gihe hari ibintu Abashuri basize muri Palesitina vyerekana neza ko bahabaye, ku bijanye n’igihe c’inyuma y’aho Abanyababiloni bahasanganguriye, harabuze ibintu vyerekana [yuko hari abantu basubiriye kuhaba]. . . . Nta kintu kitwereka ko hari abantu bahabaye kuva ico gihe gushika mu gihe c’Abaperesi. . . . Emwe, nta kimenyamenya na kimwe kihari kivyerekana. Muri ico gihe cose, nta gisagara na kimwe casanganguwe n’Abanyababiloni casubiriye kubamwo abantu”.
Porofeseri Lawrence E. Stager wo kuri Kaminuza y’i Harvard ivyo aravyemeza. Avuga ati: “Haba mu Bufilisitiya bwose mu nyuma no mu Buyuda bwose, politike [y’umwami wa Babiloni] yo gusiga ahantu ari umusaka yatumye igice c’Uburengero bw’Uruzi Yorodani gisigara ari ubweranyange”. Abandanya avuga ati: “Ivyacukuwe vyerekana yuko mu gihe ca Kuro Mukuru, Umuperesi yasubiriye Abanyababiloni, ari ho gusa abantu basubiriye kuba . . . i Yeruzalemu n’i Buyuda, ivyo bikaba vyabaye igihe Abayuda benshi bari barajanywe inyagano bagarukiye mu gihugu cabo c’amavukiro”.
Emwe, iryo Yehova yari yaravumereye yuko Ubuyuda bwobaye umusaka ryararangutse! Ivyo Yehova Imana avumera imbere y’igihe vyama nantaryo biranguka (Yesaya 55:10, 11). Turashobora kwizigira Yehova be n’imihango yanditswe mw’Ijambo ryiwe Bibiliya tugaherezako.—2 Timoteyo 3:16.