Kugira ingendo mw’ ibahari amahanga
AMAZINGA yitwa Marshall agizwe n’amazinga be n’utuzinga birenga 1.200, menshi muri yo akaba ari ku metero nkeyi hejuru y’urugero rw’ibahari. Umuntu avuye kuri ayo mazinga akigira imbere gatoyi kw’ibahari, ntasubira kuyabona. Yamara, abasozabwato ba kera bo muri ayo mazinga, bakoresheje utwato tugenda tubangabanganye ari tubiritubiri, wasanga bashobora kugira ingendo bava ku kazinga kamwe baja ku kandi, banyuragira mu karere ko mw’Ibahari Pasifike kangana n’uburinganire bw’ibilometero kwadarato nk’umuliyoni n’igice. None ivyo babishobora gute? Bayoborwa n’ivyo twokwita amakarata abayabaye mugabo yabafasha cane, ayitwa amakarata y’uduti.
Abo basozabwato bo muri ayo mazinga, biciye ku vyo bagiye baribonera mu kugira izo ngendo, barabonye yuko kuba hariho isi-butaka ahantu hanaka mu mazi bituma haba imipfunda y’imero yinaka yerekana ko gushika ku bilometero 30 hoba hari izinga. Hariho imero nyinshi z’imipfunda umuntu yategerezwa kumenya, ayo makarata y’uduti akaba rero yaramufasha kwibuka izo mero zitandukanye z’imipfunda. Uti none ayo makarata y’uduti yari ameze gute? Barafata imizi y’ubwoko bumwe bw’ikigazi canke udukubuzo tw’igiti c’inazi bakabibohera hamwe ku buryo bakoramwo akantu k’udutoboro kerekana za mero zitandukanye z’imipfunda, nk’uko uvyibonera kuri iyo foto. Barashira kuri ako kantu ibiruka bitobito kugira ngo vyerekane aho amazinga manaka aherereye.
Kugira ingendo muri ayo mazi umuntu akoresheje ikarata y’uduti vyagumye ari akabanga mu myaka n’iyindi, bikaba vyahishurirwa gusa abantu bamwebamwe baba baracaguwe. None umusozabwato ataramenyera kugira ingendo mu mazi yamenya gute gukoresha iyo karata y’uduti? Yabimenya abanje kuvyigishwa hanyuma akamenyerezwa. Umusozabwato yakanongoreye yarigisha uwo musozabwato mushasha ari babiri gusa, kumbure mu kuza arajana na we ku mazinga mabanyi. Uko uwo musozabwato mushasha yarushiriza kumenya imero z’imipfunda, ni ko yagenda arizigira ikarata yiwe y’uduti. Amaherezo, yarashobora gufata urugendo muri iryo bahari ari wenyene.
Ijambo ry’Imana Bibiliya na ryo nyene rirashobora kutuyobora mu rugendo rw’ubuzima turimwo. Mu ntango, umuntu arashobora kudufasha kuronka ugutahura Ivyandistwe kw’ishimikiro. Mu nyuma, uko tubandanya kwiga Ijambo ry’Imana tukongera tugashira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri ryo, ni ko turushiriza kwizigira ivyo rivuga. Yosuwa, uwari indongozi y’Abisirayeli, yabwiwe kuguma asoma Ijambo ry’Imana kugira ngo ashobore “kwitondera ivyanditswemwo vyose”. Imana yabwiye Yosuwa iti: “Ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe” (Yosuwa 1:8). Vy’ukuri, Bibiliya, nka kurya kw’ikarata, irashobora kutwereka inzira y’ubuzima nyayo twocamwo kandi yotuma turoranirwa.
[Credit line on page 32]
© Greg Vaughn