ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/8 rup. 2-3
  • Abatekereza bazoragwa isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abatekereza bazoragwa isi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • “Tuzosubira muri Paradizo!”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ya Paradizo ivugwa muri Bibiliya iri hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Iparadizo yo kw’isi, ni indoto canke izobaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/8 rup. 2-3

Abatekereza bazoragwa isi

“Niyumvira yuko ibidukikije bizohinduka kandi bigasubiza hamwe. . . . Atari ejo aho bukera, ariko mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, igihe hazoba hari ijuru rishasha n’isi nshasha”.​—Vyavuzwe n’umuhinga umwe mu vy’ibidukikije w’Umufaransa yitwa Jean-Marie Pelt.

KUBERA ko abantu benshi bababazwa n’ukuntu ibidukikije be n’ikibano vyo kw’isi vyifashe, boshima kubona isi yacu ihindutse ikaba iparadizo. Ariko rero, ico cipfuzo si ico abantu batanguye kugira muri iki kinjana ca 21. Bibiliya yasezeranye kuva kera yuko kw’isi hazosubira kubaho Iparadizo. Amajambo ya Yezu avuga ngo “abatekereza . . . bazoragwa isi” be n’ayavuga ngo “ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”, ni imwe mu mirongo yo mu Vyanditswe usanga izwi cane (Matayo 5:5; 6:10). Ariko rero, muri iki gihe si benshi bemera yuko abatekereza bazoba mw’iparadizo yo kw’isi. Benshi mu biyita abakirisu babona ko Iparadizo yagiye amazimayongo.

Ikinyamakuru kimwe co mu Bufaransa (La Vie) gisohoka rimwe mu ndwi, mu gusigura igituma abantu batacemera ko hazobaho iparadizo, haba kw’isi canke mw’ijuru, cibanze canecane kuri Ekeleziya Gatolika, kivuga giti: “Iparadizo, inyuma y’aho imariye n’imiburiburi ibinjana 19 ari yo yigishwa cane muri Gatolika, yarazimanganye muri mwene ya myiherero yo kwibuka ivya Mungu, mu masigura agirwa ku musi w’Imana, mu vyigwa vya tewolojiya no mu vyigwa vy’ikatikisimu”. Iryo jambo ubwaryo rivugwa yuko ryatwikiriwe n’“igipfungu c’umuzitanya” c’“ibintu vy’amayobera kandi bivuruga ubwenge”. Hari abarimu b’Ijambo ry’Imana banka gukoresha iryo jambo iparadizo kubera yuko ngo “rituma umuntu aca yiyumvira ibintu vyinshi umurengera vy’ibinezereza vy’isi”.

Umuhinga umwe mu vy’imibano anonosora ivy’amadini yitwa Frédéric Lenoir, we abona ko ivy’iparadizo bisigaye ari ikintu gituma abantu baca “bibonera mu bwenge ibintu binaka basanzwe bamenyereye”. Jean Delumeau, umutohozakahise akongera akaba n’umwanditsi w’ibitabu bitari bike vyerekeye ivy’iparadizo, na we nyene yiyumvira yuko ivyo Bibiliya isezerana bizoranguka canecane mu buryo bw’ikigereranyo. Yandika ati: “Kuri iki kibazo kivuga ngo ‘Iparadizo isigaye ibonwa gute?’, ukwemera kwa gikirisu kubandanya kucishura guti: Biciye ku kuzurwa n’Umukiza, umusi uri izina twese tuzofatana amaboko maze amaso yacu ace yibonera ubuhirwe”.

None ubutumwa bwerekeye iparadizo yo kw’isi bwoba bukiri n’ico buvuze? Neza na neza, kazoza k’isi yacu ni akahe? Ivyerekeye kazoza vyoba ari ibintu vy’urusobangane bisiga ubwenge, canke ni ibintu umuntu ashobora gutahura? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

IGIPFUKISHO: Emma Lee/​Life File/​Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika