“Emwe, kuva uyu musi, ndemeye ko Imana iriho!”
UMUKENYEZI umwe aturuka mu gihugu ca Ukraine yitwa Alexandra aba i Prague muri Repubulika y’Abaceke, umusi umwe yari atashe avuye ku kazi. Ageze ku gituro c’amagariyamoshi, yagiye abona hasi agasakoshi abahita bagenda baracako. Igihe yagatora maze akakugurura, yarakubiswe n’inkuba. Yasanze harimwo umukama w’inoti za bitanubitanu z’amahera akoreshwa muri ico gihugu yitwa amakoruni! Mu bari ng’aho, nta n’umwe vyaboneka ko ariko ararondera nya gasakoshi. Kubera ko Alexandra yari umunyamahanga muri iyo Repubulika y’Abaceke, vyaramugora kuronka ikimubeshaho. None wumva yari guca akora iki?
Amaze gushika i muhira, Alexandra yareretse nya gasakoshi umukobwa wiwe Victoria. Bararondeye muri ako gasakoshi izina na aderese vya nyeneko barabura. Ariko rero, muri nya gasakoshi harimwo agapapuro kanditseko ibiharuro bitari bike. Ku ruhande rumwe rw’ako gapapuro hari handitseko inomero z’ikonte yo muri banki, ku rundi na ho hariko izindi nomero. Ako gasakoshi karimwo kandi amakuru agenewe ibanki imwe yo ng’aho be n’agakaratasi kanditseko ngo “amakoruni 330.000” (nk’amarundi 10.230.000). Ico ni co gitigiri c’amahera yari muri ako gasakoshi.
Alexandra, akoresheje ibiharuro yibaza ko ari inomero za telefone, yaraterefonye nya banki, ariko biba ivy’ubusa. Rero, we n’umukobwa wiwe baciye baja kuri nya banki barasigura ivyashitse. Barabajije abo muri iyo banki nimba boba bazi inomero y’ikonte bari basanze muri nya gasakoshi. Yamara, muri iyo banki bavuze ko iyo nomero ata yo bazi. Ku musi ukurikira, Alexandra yaje azanye iyindi nomero yari yasanze muri ako gasakoshi nyene. Baciye basanga mu vy’ukuri iyo banki ifise umukiriya w’umugore afise iyo nomero ya konte. Alexandra na Victoria baciye baterefona nya mugore, uno na we aremeza ko yari yatakaje amahera. Igihe amaherezo bahura, uwo mugore yarabakengurukiye bimwe bivuye ku mutima aca ababaza ati: “None nta kibonamaso musaba?”.
Victoria yamwishuye ati: “Nta co dusaba. Iyo tuba dushaka ayo mahera twari kuba twayagumije”. Akoresheje amajambo makeyi yari azi yo mu rurimi rw’igiceke, yasiguye ati: “Tukuzaniye ayo mahera kubera ko turi Ivyabona vya Yehova. Ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ntiritwemerera kugumana ibitari ivyacu” (Abaheburayo 13:18). Uwo mugore yaciye avugana akanyamuneza kenshi ati: “Emwe, kuva uyu musi, ndemeye ko Imana iriho!”.