Ubwami bw’Imana ni iki?
MBEGA icago gikomeye cateye mu bantu kuva bagitangura kubaho! Umumarayika umwe yaragararije ubukuru bw’Uwari yaramuremye. Uwo mumarayika yaroheje umugore wa mbere ari we Eva ngo arye ku camwa cari kibujijwe. Ku biraba uwo mugore n’umugabo wiwe Adamu, uwo mumarayika yavuze ati: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 2:16, 17; 3:1-5). Uwo mumarayika yahavuye yitwa Mucokoranyi ari we Shetani.—Ivyahishuriwe 12:9.
None Eva yoba yaremeye ayo majambo ya Shetani? Bibiliya itubwira iti: “Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:6). Emwe, uwo mugabo n’uwo mugore ba mbere ari bo Adamu na Eva barifatanije na Shetani mu bugarariji bwiwe. Ivyo vyatumye bahomba Iparadizo bari barahawe vyongera bituma n’abobakomotseko bayihomba. Abana, aho kuvuka batagira agasembwa bizigiye kubaho ibihe bidahera, bovutse barazwe icaha n’urupfu.—Abaroma 5:12.
None Yehova Imana, Umutegetsi Segaba w’ibiriho vyose yavyakiriye gute? Yaciye afata umugambi wo gushiraho intunganyo yotumye ivyaha biharirwa (Abaroma 5:8). N’ikindi kandi, Yehova Imana yararinganije ivy’uko hashingwa intwaro yotoreye umuti inkurikizi z’ubwo bugarariji. Iyo ntwaro yitwa “ubgami bg’Imana” (Luka 21:31). Naho ubwo Bwami buri munsi y’ubutegetsi Imana ifise bwo kuba ari yo Segaba w’ibiriho vyose, burafise umugambi udasanzwe.
None uwo mugambi w’ubwo Bwami bw’Imana ni uwuhe? Ibintu bimwebimwe biranga ubwo Bwami ni ibihe, kandi bitandukaniye he n’ibiranga ubutegetsi bw’abantu? Ubwo Bwami bwotanguye kuganza ryari? Ivyo bibazo biraganirwako mu kiganiro gikurikira.