“Emwe, sinari nzi ko nosozereye neza ukuraho amashure yisumbuye!”
UMWIGISHA umwe wo mw’ishure ryisumbuye ryo muri Esupanye yanditse ati: “Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga ijana bagaragaza ko bafatana mu nda vy’ukuri, ko ari inzirabugunge koko, n’igihambaye kuruta, ko bafise ukwizera ata muntu yoshobora kugusambura”. Ni igiki none catumye uwo mwigisha, uwusanzwe yivugira ko ari umuhakanamana, avuga amajambo nk’ayo?
Vyose vyatanguye igihe umunyeshure wo mw’ishure rimwe ryisumbuye w’Icabona ca Yehova yitwa Noemí yasabwa kugira ivyo yanditse ku ciyumviro kanaka yicaguriye, aho hakaba hari mu kibazo co kurangiza amashure yisumbuye. Yahisemwo guca irya n’ino iciyumviro kivuga ngo: “Inyabutatu zisa n’umutugutu ku ntwaro y’Abanazi”.
Ni kubera iki Noemí yahisemwo ico ciyumviro? Asigura ati: “Kubera yuko ico gikorwa canje cokurikiranywe n’umwigisha, nabonye ko ntogisha ako karyo kugira ndamubwire inkuru nziza. Inkuru yigana ukuntu Ivyabona vya Yehova bo mu Budagi bw’Abanazi bagumye ari intahemuka yari yarankoze ku mutima. Niyumviriye ko yoshobora gukora ku mutima n’abandi”.
Igikorwa ca Noemí caragize ico gikora ku bantu benshi cane kuruta uko yavyiyumvira. Ku wa 5 Gitugutu 2002, ivyo yanditse vyaratumye aronka agashimwe mw’ihiganwa ryahuje abari bavuye mu gihugu cose, rikaba ryari rijanye no kugira ubushakashatsi mu vya siyansi n’ivyigwa bijanye n’ivy’imico be n’ivy’inyifato vy’abantu. Umugwi w’abigisha 20 bava muri kaminuza zikomakomeye zo muri Esupanye, ni bo basanzwe bashinga abakwiriye udushimwe muri iryo higanwa.
Noemí yahawe agashimwe n’umushikiranganji w’indero muri Esupanye yitwa Pilar del Castillo. Noemí yaciye aboneraho akaryo ko gushikiriza uwo mushikiranganji ividewo ivuga ngo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi). Uwo mushikiranganji yakiranye akanyamuneza iyo ngabirano.
Noemí agarutse mu gisagara ciwe c’amavukiro citwa Manresa, ikinyamakuru caho caravuze cane ico kintu yashitseko mu bijanye n’amashure yiwe, congera kirasubiramwo ivyiyumviro vyari mu vyo yanditse. Muri ico gihe nyene, umuyobozi w’ishure Noemí yigako yarasavye ikopi y’ivyo Noemí yanditse kugira abishire muri porogarama y’umusi mukuru wo guhimbaza imyaka 75 iryo shure ryari rimaze.
Noemí avuga ati: “Emwe, sinari nzi ko nosozereye neza ukuraho amashure yisumbuye! Naragize umunezero utovugwa igihe nasoma aya majambo umwigisha wanje, umushingantahe Jorge Tomás Calot, yanditse mu ntangamarara yiwe ku bijanye na raporo yanje:
“‘Nsanzwe ndi umuhakanamana, yamara nipfuza kujijuka ijana kw’ijana ko iyo Isumbavyose ibaho, iyatumye abasavyi bayo “bakunda bagenzi babo” urukundo rutari urw’uruheyiheyi’”.