ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/5 rup. 32
  • Agaciro k’“urwavya rurushirije kworoha”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agaciro k’“urwavya rurushirije kworoha”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/5 rup. 32

Agaciro k’“urwavya rurushirije kworoha”

“YEMWE bagabo, mubandanye kubana [n’abagore banyu] mwisunze ubumenyi, mubatera iteka nk’urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore” (1 Petero 3:7, NW). Ukwo ni ko intumwa Petero yanditse. None, kuba Ivyanditswe bivuga ko umugore ari “urwavya rurushirije kworoha”, vyoba bifatira mu rwara abagore mu buryo bunaka? Nimuze turabe ico uwo mwanditsi yahumekewe yashaka kuvuga igihe yavyandika.

Izina ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “iteka” risobanura “igiciro, agaciro, . . . icubahiro”. Ku bw’ivyo, umunega mukirisu ategerezwa gufatana ikibabarwe umugore wiwe, akamwubahiriza nk’uko abikwiriye, nk’urwavya rubereye ijisho kandi rw’agaciro. Ivyo ntibishira hasi umugore na gato. Nk’akarorero, reka turimbure ubwoko bw’udutara duteye igomwe twakozwe n’uwitwa Tiffany. Ako gatara k’akaroruhore, ku bwa ngingo twovuga ko koroshe kumeneka. Ukuba ako gatara koroshe kumeneka, vyoba bica bigabanya agaciro kako? Nta na gato! Mu 1997, igihe hari habaye icamunara, itara rimwe Tiffany ubwiwe yakoze, emwe, ryaguzwe amadolari 2.800.000! (mu marundi ni nka 2.800.000.000) Ukuntu ryari rikozwe, naho kwatuma ryoroha kumeneka, vyarongereje agaciro karyo aho kukagabanya.

Nk’ukwo nyene, gutera iteka umugore, we rwavya rurushirije kworoha, ntibimutesha agaciro canke ngo bimushire hasi. Umugabo abana n’umugore wiwe “[y]isunze ubumenyi” bisobanura yuko atirengagiza ivyo ashoboye n’ivyo adashoboye, ivyo akunda n’ivyo yanka, uko abona ibintu n’inyiyumvo ziwe. Umugabo yitwararika umukenyezi wiwe, aratahura kandi akubahiriza ivy’uko atari ngombwa ngo we n’umugore wiwe bahuze kamere. Aramwubahiriza nk’uko abikwiriye “kugira ng’ugusenga kw[iwe] ntikugire ikigutesha” (1 Petero 3:7). Umunega atubahiriza kamere nziza ziranga abakenyezi umugore wiwe afise, aba ashize mu kaga ubucuti ubwiwe afitaniye n’Imana. Biragaragara yuko Ijambo ry’Imana ridafatira mu rwara abakenyezi. Ahubwo riho, rirabaha icubahiro kandi rikabatera iteka.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]

© Christie’s Images Limited 1997

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika