ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/5 rup. 32
  • Uburyo bwo gukora umwana ku mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo gukora umwana ku mutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/5 rup. 32

Uburyo bwo gukora umwana ku mutima

WOBA urigera wumva ubabaye ubonye umwana ariko arakina inkino z’ivy’intambara? Inkino nk’izo muri iki gihe zireze, mbere no mu bana bakiri bato, kubera yuko ubukazi bwashwaye mu vyo kwinezereza. None, wofasha gute umwana akiri muto gukunda udukinisho tw’ivy’amahoro aho gukunda utw’ivy’intambara? Uwitwa Waltraud, akaba ari umumisiyonari wo mu Vyabona vya Yehova abumazemwo igihe kirekire muri Afirika, yarubuye uburyo bwo gufasha agahungu kamwe kubigira.

Kubera intambara, Waltraud yabwirijwe kuva mu gihugu yabamwo, maze yimukira mu kindi gihugu co ng’aho muri Afirika nyene. Ashitse muri ico gihugu, yaciye atangura kwigana Bibiliya na nyina w’akana k’agahungu k’imyaka itanu. Igihe cose yaba aje kugendera uwo mukenyezi, yasanga ako gahungu kariko karakinisha agakoho k’agakinisho, kakaba ari na ko gakinisho konyene ako gahungu kari gafise. Waltraud ntiyigeze abona nya gahungu gatumbereza ako gakoho ku kintu na kimwe, mugabo buri gihe kama kari mu vyo kukugurura no kukugara nk’aho umengo kariko gashiramwo amasasu.

Waltraud yabajije ako gahungu ati: “Werner, woba uzi igituma mba mu gihugu canyu? Ni ukubera intambara. Nabwirijwe kuva mu gihugu nabamwo kare kugira mpunge abantu bateye akaga bariko bararasa abanyagihugu bakoresheje inkoho zimeze nk’iyo yawe. Wibaza ko mwene ukwo kurasa ari kwiza?”.

Werner kishuye kababaye kati: “Oya, si kwiza”.

Waltraud yaciye avuga ati: “Uvugishije ukuri”. Ni kwo guca amubaza ati: “Woba uzi igituma ndabagendera buri ndwi mwe na nyoko wawe? Ni kubera ko Ivyabona vya Yehova bipfuza gufasha abandi kugiranira amahoro n’Imana no kubana amahoro n’abantu nka bo”. Waltraud, abirekuriwe na nyina w’ako gahungu, yabwiye Werner ati: “Nka hamwe wompa ako gakoho kawe, nogata kure cane kandi ndakwemereye ko uzoronka agakinisho k’agakamyo k’udupine tune”.

Werner karahaye Waltraud ako gakoho kako k’agakinisho. Kabwirijwe kurindira ikiringo c’amayinga ane, mugabo kahavuye karonka nya gakinisho gashasha kari kemerewe. Kari agakinisho k’agakamyo gakozwe mu mbaho, ako Werner kakiranye akamwemwe kenshi.

Woba ufata umwanya wo kuganira n’abana bawe, ukagerageza kubakora ku mutima ku buryo bumva bavyuriwe umutima wo guheba udukinisho dusa n’ibirwanisho bakoresha mu ntambara? Niwabigenza gutyo, uzoba uriko urabigisha icigwa kizobagirira akamaro mu buzima bwabo bwose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika