Woba wipfuza kugira abagenzi beza?
ABANTU hafi nka bose baripfuza kugira abagenzi beza. Kugira abagenzi somambike ubwira ivyagushikiye biratuma ubuzima buryoha. None ushobora gute kuronka abagenzi nyakuri? Haraciye imyaka yababa 2.000 Yezu yerekanye yuko ikintu nyamukuru gituma umuntu aroranirwa mu migenderanire yose abantu bagiranira ari ukugira urukundo ruzira ubwikunzi. Yigishije ati: “Uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe” (Luka 6:31). Ayo majambo, ayakunze kwitwa Itegeko ry’agakura, arerekana ko ukeneye kuba umuntu atagira ubwikunzi kandi w’umutanzi kugira uronke abagenzi. Tubivuze mu buryo bworoshe, kugira uronke umugenzi, urakeneye nawe kuba umugenzi. Uti gute?
Ubugenzi somambike kandi burimwo igishika ntibuza ijoro rimwe. Nakare, abagenzi si abantu muzinanyi gusa. Ni abantu wiyumvamwo mu mutima. Kwunga ubucuti bwa hafi n’umuntu no kubuzigama bisaba akigoro. Akenshi ubugenzi busaba ko ushira imbere ivya mugenzawe aho gushira imbere ibikworohereza wewe ubwawe. Abagenzi ntibasangira amahirwe gusa, barasangira n’amagorwa.
Werekana ko uri umugenzi nyakuri canecane mu gufasha mu vy’akanyengetera no mu buryo ngirakamaro umuntu akeneye gufashwa. Mu Migani 17:17 havuga hati: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa”. Nkako, ubucuti hagati y’abagenzi bwoshobora kuba ubukomeye cane kuruta ubucuti bunaka buri hagati y’incuti. Mu Migani 18:24 havuga hati: “[“Hariho abagenzi usanga bafise umutima wo gutabagurana”, NW], ariko har’umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we”. Woshima kumenya n’ibindi ku kuntu umuntu yotsimbataza mwene ubwo bugenzi nyakuri? Woshima kuba mu mugwi w’abantu bazwi ko bakundana (Yohana 13:35)? Niba wobishima, Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo bazohimbarwa no kukwereka ukuntu woronka abagenzi nyakuri.