ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/2 rup. 32
  • Woba umeze nk’igiti citwa lagani auna?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba umeze nk’igiti citwa lagani auna?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/2 rup. 32

Woba umeze nk’igiti citwa lagani auna?

MU KAGWATI kamwe ko ku mubari w’igisagara ca Port Moresby co muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, hari abasuku babiri bari batashe bavuye mu gikorwa cabo co kwamamaza. Bariko baragenda, bagiye babona igiti ciza utoraba. Uwari akuze gusumba uwundi muri bo yaciye avuga ati: “Ahaaa, ehe lagani auna!”. Yaciye ahindukira kuraba mugenziwe hanyuma abandanya ati: “Iryo zina risobanura ‘igiti c’umwaka’. Ico giti ntikimeze nk’ibindi biti vyinshi vyo mu ntara zishushe. Coco, buri mwaka kirakoragura amababi kikaboneka nk’icumye. Ariko rero, iyo imvura iguye, gica gisubira itoto, kigashurika amashurwe maze kigasubira kwerekana ubwiza bwaco”.

Hari icigwa dushobora kwigira kuri ico giti citwa lagani auna, ico bamwe bakunze kwita poinciane royal. Abahinga bamwebamwe bavuga yuko kiri mu biti bitanu vyama amashurwe vyiza cane kuruta ibindi vyose vyo kw’isi. Naho ico giti gikoragura amashurwe n’amababi yaco mu ci, kirabika amazi yo kwikorako. Imizi yaco irakomeye kandi irashobora gukura ikizingazingira ku bitandara bishika kure cane mu kuzimu. Gutyo kiba gifashe rwose ku buryo gishobora kunanira imiyaga ikomeye. Muri make, kibandanya kubaho mu gukora uko gishoboye kwose kugira ngo kirinde ibihe bitoroshe.

Twoshobora kuba turi mu bintu bigerageza ukwizera kwacu. Ni igiki none kizodufasha kwihangana? Cokimwe n’ico giti citwa lagani auna, turashobora kunywa no kubika amazi atanga ubuzima yo mw’Ijambo ry’Imana. Turakwiye kandi kwumira rwose ku ‘gitandara cacu’ Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe (2 Samweli 22:3). Vy’ukuri, ico giti citwa lagani auna ni ikintu giteye igomwe kitwibutsa yuko naho twoba turi mu bintu bitoroshe, dushobora kugumana inkomezi zacu zo mu vy’impwemu n’ubwiza bwacu bwo mu vy’impwemu mu gihe twungukira ku ntunganyo Yehova ashiraho. Tubigenjeje gutyo, ‘tuzoragwa ivyo yasezeranye’, ushizemwo na bwa buzima budahera yadusezeranira.​—Abaheburayo 6:12; Ivyahishuriwe 21:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika