‘Urukundo mukundana ruriko ruragwira’
MU 2004, igihugu c’Ubuyapani carashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka bishika nka bingahe. Muri ivyo vyago harimwo ibivumbuzi, imyuzure, be na vya nyamugigima. Ivyo vyago vyaramereye nabi cane abantu benshi, ushizemwo n’Ivyabona vya Yehova (Umusiguzi 9:11). Ariko rero, ivyo vyago vyarahaye Ivyabona akaryo ko kugaragarizanya urukundo rwa kivukanyi.—1 Petero 1:22.
Nk’akarorero, imvura nyinshi cane yaguye muri Mukakaro yatumye uruzi rumwe rwo hagati mu Buyapani rwuzura rurasesa. Umwuzure warabomaguye amazu arenga 20 y’Ivyabona vya Yehova. Mu Ngoro y’Ubwami imwe, amazi yari yateye yaraduze gushika nko ku metero imwe uvuye hasi. Bidatevye, Ivyabona bo mu mashengero yo hafi yaho baciye baza gufasha. Abantu amajana bari bitanze barasukuye amazu yari yuzuyemwo urwondo. Mu ndwi zibiri gusa, iyo Ngoro y’Ubwami yari imaze kurangira gusukurwa no gusanurwa.
Ku wa 23 Gitugutu, ikinyamugigima gipima ingero 6 n’ibice 8 ufatiye ku bipimo vy’uwitwa Richter carateye muri ako karere nyene. N’imiburiburi abantu 40 ni bo bahasize ubuzima, abarenga 100.000 na bo babwirizwa gukurwa mu mazu yabo kugira bahungishwe. Nta mazi, canke gaze yo gucana canke umuyagankuba vyari bihari. Ya Ngoro y’Ubwami yari yasanuwe nta co yabaye naho yari ku bilometero 50 uvuye aho ikinyamugigima cahereye. Bidatevye, iyo Ngoro ni yo yaciye iba ahantu ho gutabarira abavukanyi mu kiringo kinaka gusa. Abacungezi bakirisu baciye bihutira kurondera kumenya nimba abo basangiye ukwizera badora, umutima usubira mu nda ari uko bumvise ko ata n’umwe yakomeretse canke yahasize ubuzima. Bukeye mu gitondo ca kare cane, Ivyabona batandatu bari barashikiwe n’ivyago bitewe na wa mwuzure wo muri Mukakaro baritanze bivuye inyuma kugira bashire ibifungurwa n’amazi abo muri ako karere kari kashikiwe n’ico kinyamugigima. Haciye amasaha makeyi ico kinyamugigima kibaye, imfashanyo zigenewe gutabara zari zamaze kuboneka.
Umucungezi umwe avuga ati: “Abari barashikiwe n’ivyago bitewe n’imyuzure babona ko ivyo gutabara abashikiwe n’ikinyamugigima kari akaryo ko kwerekana ko bakenguruka ukuntu bo ubwabo bari barafashijwe. Barakoze baratama guhera kare mu gitondo gushitsa ijoro ryitereye rwose. Kandi ntiworaba ingene mu maso habo hari hakayangana umunezero!”.
Yaba imyuzure canke vya nyamugigima, nta na kimwe muri ivyo kigeramira urukundo rutuma Ivyabona vya Yehova bunga ubumwe mu muryango wabo wa gikirisu. Ahubwo riho, igihe ivyago nk’ivyo biteye, abakirisu baribonera iranguka ry’amajambo intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe b’i Tesalonike ati: ‘Urukundo rw’umuntu wese muri mwebwe mukundana ruriko ruragwira’.—2 Ab’i Tesalonike 1:3.