Barabwira inkuru nziza ibipfamatwi
“BARABAZANIRA ivy’Imana!” Ayo ni amajambo aheruka kuvugwa n’umuyobozi w’ikigo cakira abanyagihugu bageze mu zabukuru kiri i Navalcarnero mu gisagara ca Madrid muri Esupanye, akaba yariko avuga Ivyabona vya Yehova bagendera ico kigo. Ni igiki catumye avuga ayo majambo?
Benshi mu baba muri ico kigo citwa Rosas del Camino ni ibipfamatwi. Mugabo, Ivyabona barashobora kuyaga na bo kubera ko bagize akigoro ko kwiga ururimi rw’ibimenyetso rw’igisupanyoli. Uwo muyobozi yarashemagije Ivyabona kubona bemera gukoresha umwanya wabo ku buntu kugira bigishe ivy’Imana abasanzwe babikeneye cane. Yarabonye ukuntu kwigisha inkuru nziza y’Ubwami vyagize ikintu ciza bikoze ku baba muri ico kigo. Vyongeye, ababa muri ico kigo, na canecane abadashobora kwumva neza canke kubona neza, na bo nyene barashima cane kubona Ivyabona babagendera.
Umwe muri abo yitwa Eulogio, akaba atabona kandi atumva. Ubu arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Umusi umwe yariko yigana Bibiliya n’Icabona umwe, hanyuma baza babona umutama umwe aje aho bari maze aha ico Cabona icese co gukenguruka cari canditswe n’ababa muri nya kigo. Ico cese cari gifise umutwe uvuga ngo “Kuba Icabona”. Muri ico cese harimwo amajambo avuga ati: “Babayeho mu buryo buhimbaye, bagendera indero runtu, kandi Yehova arabaha ubukerebutsi bubazanira umunezero. Barakunda kugendera imihana kubera bizigira Yehova”.
Ukwo kwizigira Yehova nyene ni kwo kwatumye Ivyabona benshi bo kw’isi yose biga ururimi rw’ibimenyetso rukoreshwa n’abantu b’ibipfamatwi bo mu bihugu babamwo. Bakoresheje urwo rurimi, barabwira abantu b’ibipfamatwi ubutumwa buremesha kandi butanga icizigiro buri muri Bibiliya.