ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/9 rup. 3
  • Yari Imana canke yari umuntu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yari Imana canke yari umuntu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Twironkere itunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/9 rup. 3

Yari Imana canke yari umuntu?

“JEWE nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubu[zima]” (Yohana 8:12). Ayo majambo yavuzwe na Yezu Kirisitu. Hari umugabo wo mu kinjana ca mbere yari yarize cane yanditse ku bimwerekeye ati: “Muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe” (Ab’i Kolosayi 2:3). Vyongeye, Bibiliya ivuga iti: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Birahambaye ko tugira ubumenyi ntagakosa bwerekeye Yezu kugira ngo twironse ivyo dukeneye mu vy’Imana.

Abantu bo hirya no hino kw’isi barumvise ivyerekeye Yezu Kirisitu. Nta woharira ko yagize akosho kuri kahise k’abantu. Nakare, ikirangamisi gikoreshwa mu mihingo myinshi y’isi gishingiye ku mwaka abantu biyumvira ko ari wo yavukiyemwo. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) gisigura yuko “abantu benshi bakunda gukoresha av. J.-C. ni ukuvuga avant Jésus-Christ (bisobanura ngo imbere ya Yezu Kirisitu) bariko bavuga amagenekerezo y’imbere y’uwo mwaka, bagakoresha na A.D. ni ukuvuga anno Domini (bisobanura ngo mu mwaka w’Umukama wacu) bariko bavuga amagenekerezo y’inyuma y’uwo mwaka”.

Yamara, ku vyerekeye Yezu uwo yari, abantu usanga bafise ivyiyumviro bidahuza. Hari abavuga yuko yari umuntu ahambaye gusa avugwa cane mu nkuru za kahise. Abandi bo baramusenga nk’Imana Mushoboravyose. Incabwenge zimwezimwe zo mw’idini y’abahindu zagereranije Yezu Kirisitu n’imana y’abahindu yitwa Krishna, iyo abenshi bavuga ko ari imana yihinduye umuntu. None Yezu yari umuntu asanzwe canke umuntu akwiriye gusengwa? Neza na neza yari nde? Yakomotse hehe? Yari ameze gute? Ubu ari hehe? Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, ca gitabu kivuga ibintu vyinshi ku vyerekeye Yezu kiraduha inyishu z’ukuri kuri ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika