Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki vyovugwa yuko imvugo ngo ‘we wenyene afise ukudapfa’ be n’imvugo ngo umwe ‘ata muntu yigeze amubona, ata wushobora kumubona’ ziterekeza kuri Yehova Imana, ariko ko zerekeza kuri Yezu?
Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Ukwo guseruka kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Umunyabushobozi wenyene, ashemagizwa, ni we Mwami w’abami, uwuganza abaganza; ni we wenyene afise ukudapfa, aba mu muco utēgêrwa, ata muntu yigeze amubona, ata wushobora kumubona’.—1 Timoteyo 6:15, 16.
Abasobanuzi b’ivya Bibiliya bakunda kuzirikana bati: ‘None izo mvugo ngo “we wenyene afise ukudapfa”, “Umunyabushobozi wenyene” be n’imvugo ngo umwe “ata muntu yigeze amubona”, hari uwundi zokwerekezako atari umwe Mushoboravyose?’. Tuvugishije ukuri, izo mvugo zoshobora gukoreshwa mu kuvuga Yehova. Ariko rero, imirongo ikikije ico canditswe co muri 1 Timoteyo 6:15, 16 yerekana ko Paulo yariko yerekeza neza na neza kuri Yezu.
Mu mpera z’umurongo wa 14, Paulo aravuga ivy’“[u]guseruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo” (1 Timoteyo 6:14). Igihe rero Paulo avuga ku murongo wa 15 ngo ‘ukwo guseruka kw’Umwami kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Umunyabushobozi wenyene’, aba ariko yerekeza ku guseruka kwa Yezu, atari ukwa Yehova Imana. None uwo ‘Munyabushobozi wenyene’ we ni nde? Bisa n’ivyumvikana gushika ku ciyumviro c’uko Yezu ari we Munyabushobozi Paulo yariko aravuga. Uti kubera iki? Ivyo Paulo yariko aravuga biragaragaza yuko yariko agereranya Yezu n’abatware b’abantu. Nk’uko Paulo yanditse, Yezu mu vy’ukuri ni we “Mwami w’abami [b’abantu], ūganza [abantu] baganza”a. Egome, Yezu agereranijwe na bo, ni we ‘Munyabushobozi wenyene’. Yezu yarahawe “inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe [canke “bamukorere”, NW]” (Daniyeli 7:14). Nta munyabushobozi n’umwe w’umuntu ashobora kuvuga ko yahawe ivyo vyose!
Bite ho ku bijanye n’imvugo ngo ‘we wenyene afise ukudapfa’? N’aha nyene, Yezu ariko agereranywa n’abami b’abantu. Nta batware na bamwe bo kw’isi bashobora kuvuga yuko bahawe ukudapfa, mugabo Yezu we arashobora kubivuga. Paulo yanditse ati: “Tu[ra]zi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza” (Abaroma 6:9). Gutyo, Yezu ni we muntu wa mbere na mbere avugwa muri Bibiliya ko yahawe ingabirano y’ukudapfa. Kukaba nkako, igihe Paulo yandika ayo majambo, Yezu wenyene ni we yari amaze guhabwa ubuzima budashobora gupfa.
Dukwiye kandi kugumiza ku muzirikanyi yuko Paulo yobaye yihenze avuze yuko Yehova Imana wenyene ari we yari afise ukudapfa, kubera ko na Yezu yari uwudashobora gupfa igihe Paulo yandika ayo majambo. Mugabo Paulo yarashobora kuvuga yuko Yezu wenyene ari we yari uwudashobora gupfa amugereranije n’abatware bo kw’isi.
Vyongeye, nta gukeka yuko kuva aho Yezu amariye kuzurwa hanyuma akaduzwa mw’ijuru, ashobora kuvugwa yuko ari umwe ‘ata muntu yigeze amubona, ata wushobora kumubona’. Ni ivy’ukuri yuko, abigishwa biwe basizwe bomubonye bamaze gupfa bakazurirwa kuba mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu (Yohana 17:24). Ariko, nta muntu n’umwe ari kw’isi yobonye Yezu amaze kuninahazwa. Ku bw’ivyo, birashobora vy’ukuri kuvugwa yuko kuva aho Yezu azuriwe hanyuma akaduzwa mw’ijuru, “ata muntu” n’umwe yigeze koko amubona.
Vy’ukuri, umuntu agikuba ijisho izo mvugo ziri muri 1 Timoteyo 6:15, 16, yoca abona ko zerekeza ku Mana. Mugabo ivyo Paulo yariko aravuga hamwe n’ibindi vyanditswe bitomora ico canditswe, birerekana yuko yariko avuga Yezu.
[Akajambo k’epfo]
a Imvugo nk’izo zirakoreshwa mu 1 Ab’i Korinto 8:5, 6, mu Vyahishuriwe 17:12, 14, no mu Vyahishuriwe 19:16, mu kwerekeza kuri Yezu.