Inyigisho z’ukuri—Wozikura hehe?
UMUGABO wo mu ntara ya Tibet azungurukije akantu kameze nk’umukebo karimwo ibisabisho vyanditse. Yiyumvira yuko igihe cose azungurukije ako kantu, aba asubiyemwo ibisabisho vyiwe. Mu nzu yagutse yo mu Buhindi, hariho akumba gatoya kagenewe gukorerwamwo ivyo bita puja, ni ukuvuga ugusenga gushobora kuba kurimwo ivyo kwosa imibavu, gushikana amashurwe, be n’ibindi bintu, babishikanira ibishushanyo vy’imana n’imanakazi zitandukanye. Mu rusengero rusharije rwo mu Butaliyano, ku bilometero ibihumbi uvuye mu Buhindi, umugore umwe arapfukamye imbere y’igishushanyo ca Mariya nyina wa Yezu, maze asenga afashe ishapule mu minwe.
Ushobora kuba umaze kwibonera akosho idini rigira mu buzima bw’abantu. Igitabu kimwe (The World’s Religions—Understanding the Living Faiths) kigira giti: “Idini . . . ryamye ari inkingi y’ikibano kw’isi yose kandi n’ubu ni ko biri”. Mu gitabu kimwe (God—A Brief History), umwanditsi yitwa John Bowker agira ati: “Nta kibano c’abantu na kimwe cigeze kubaho ngo usange ata vy’Imana bikirangwamwo, aho bemera ko Imana ari yo igaba ibiriho vyose kandi ikaba na yo Rurema. Ukwo ni ko biri mbere no ku bibano vyahisemwo kutitaho ivy’Imana”.
Mu vy’ukuri, idini ryaragize akosho mu buzima bw’abantu amamiliyoni. Ico none si ikimenyamenya gikomeye c’uko umuntu akeneye ivy’impwemu be n’uko abicambirwa cane? Mu gitabu ciwe (The Undiscovered Self), uwutohoza ivy’inyifato z’abantu azwi cane ari we Dogoteri Carl G. Jung arerekeza ku vy’uko abantu bakeneye gusenga ikintu gisumba vyose maze akavuga yuko “ukwigaragaza kwa[vyo kwa]giye [ku]ribonekeza kuva umuntu atanguye kubaho”.
Yamara, usanga abantu benshi batanavuga ko bemera Imana canke ngo bashimishwe n’ivy’idini. Abakekeranya yuko Imana iriho canke abahakana yuko iriho, babigira ahanini kubera yuko amadini bamenyereye atashoboye kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Idini ryasiguwe yuko ari “ukwihebera ikintu; kwumira ku kintu canke kudahemuka; gushira umutima ku kintu; gukunda ikintu canke kucibandako utavako”. Twisunze iyo nsobanuro, abantu nka bose hari ukuntu berekana ko bitwararika ivy’idini mu buzima bwabo, mbere n’abatemera ko Imana ibaho.
Mu myaka ibihumbi y’ukubaho kw’abantu, abantu baragerageje kwironsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu baciye mu nzira nyinshi. Ivyo vyatumye kw’isi haba ukwemera gutandukanye rwose. Nk’akarorero, naho amadini nka yose avuga ko yemera ikintu kiruta vyose, usanga afise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ico kintu ico ari co. Amadini menshi arashimika kandi ku vy’uko ubukiriro canke ugucungurwa ari ikintu gihambaye. Mugabo usanga ivyo yigisha bidahuza ku vyerekeye ico ari co ubukiriro, be no ku kungene umuntu ashobora kuburonka. Uravye ukwo kuntu abantu bemera ibintu bitandukanye rwose, twomenya gute inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana?