Wewe uriko wubakira ku mushinge umeze gute?
KUGIRA ngo inyubakwa irambe bivana ahanini n’ubukomezi bw’umushinge wayo canke itanguriro ryayo. Bibiliya rimwe na rimwe irakoresha iyo ngingo ngenderwako mu buryo bw’ikigereranyo.
Nk’akarorero, umuhanuzi Yesaya avuga yuko Yehova Imana ari we ‘yashizeho amatanguriro y’isi’ (Yesaya 51:13). Ayo matanguriro ari wo mushinge agizwe n’amategeko adahindagurika y’Imana agenga ukuzunguruka kw’isi akongera agatuma iguma mu kibanza cayo (Zaburi 104:5). Ijambo ry’Imana Bibiliya riravuga kandi ivyerekeye “amatanguriro” canke imishinge yubatseko ikibano c’abantu, ayo na yo akaba ari ubutungane, amategeko be n’urutonde. Iyo ivyo ‘bisambuwe’ canke bikageramirwa n’akarenganyo, ibiturire be n’ubukozi bw’ikibi, ibintu bica bidabangana mu kibano.—Zaburi 11:2-6; Imigani 29:4.
Iyo ngingo ngenderwako irakora no ku bantu umwumwe ukwiwe. Mu gusozera ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi, Yezu Kirisitu yavuze ati: “Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare. Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’imase ku rutare. Arik’uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi. Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’isenyerana ryayo riba irikomeye”.—Matayo 7:24-27.
Ubuzima bwawe uriko ubwubakira ku mushinge umeze gute? Woba uriko ubwubakira ku musenyi udakomeye w’amafilozofiya y’abantu batemera Imana, bukazoruhira gusenyuka nk’inyubakwa? Canke uriko ubwubakira ku rutare rukomeye mu gukurikiza amajambo ya Yezu Kirisitu, yo azogufasha kurinda ibihuhusi vy’ikigereranyo vyo mu buzima?