Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki Paulo yanditse ku vyerekeye umugore mukirisu ati: “[“Azozigamwa”, “NW”] kubg’ukuvyara”?—1 Timoteyo 2:15.
Amajambo akikije ico canditswe yerekana ko Paulo yashaka kuvuga iki? Paulo ahumekewe n’Imana, yariko aratanga impanuro ku bijanye n’uruhara umukenyezi mukirisu afise mw’ishengero. Yanditse ati: “N’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana” (1 Timoteyo 2:9, 10). Paulo yariko arahimiriza abavukanyikazi biwe b’abakirisu kugira urupfasoni, kuraba neza igihe bacagura impuzu bambara, no ‘gushazisha’ ibikorwa vyiza.
Ubukurikira, Paulo yarasiguye indinganizo y’ububemutwe mw’ishengero, mu kuvuga ati: “Sinkundira umugore ko yigisha canke kw aganza umugabo, arikw atekereze” (1 Timoteyo 2:12; 1 Ab’i Korinto 11:3). Asigura ishingiro ry’iyo ndinganizo mu kwerekana ko naho Adamu atari we yahenzwe na Shetani, Eva wewe ‘yahenzwe akagwa mu bicumuro’. Umugore mukirisu ashobora gukingirwa gute igicumuro ca Eva? Paulo yishura ati: “Yamar[a “azozigamwa”, NW] kubg’ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba” (1 Timoteyo 2:14, 15). Paulo yashaka kuvuga iki ng’aho?
Abahinduzi bamwebamwe basa n’abashaka kwerekana yuko ubukiriro bw’umugore abukesha kuba afise abana. Nk’akarorero, Bibiliya Yera ivuga iti: “[Umugore] azokizwa kubg’ukuvyara”. Ariko rero, iyo nsobanuro baha amajambo ya Paulo si yo. Ivyanditswe vyinshi birerekana yuko kugira ngo umuntu akizwe canke aronke ubukiriro, ategerezwa kumenya Yehova, akizera Yezu, akongera akagira ukwizera, ukwo kwizera akakwerekanira mu bikorwa (Yohana 17:3; Ivyakozwe 16:30, 31; Abaroma 10:10; Yakobo 2:26). Vyongeye, Paulo ntiyashaka kuvuga ko abagore bizera bokwibarutse ata ngorane bagize. Abagore barashoboye kwibaruka ata ngorane, baba abizera canke abatizera. Ikibabaje mugabo ni uko hariho abagore bizera n’abatizera bahasize ubuzima igihe baba bariko baribaruka.—Itanguriro 35:16-18.
Iyindi mpanuro Paulo yatanze ku vyerekeye abagore inyuma gatoyi muri iryo kete nyene, iradufasha gutegera ico yashaka kuvuga. Agabisha ku vyerekeye abapfakazi bamwebamwe bakiri bato bariko “[bagira] ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ivyabo”. None Paulo yatanze iyihe mpanuro? Abandanya ati: “Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi”.—1 Timoteyo 5:13, 14.
Paulo arashira ahabona uruhara ngirakamaro umugore afise mu rugo. Umugore akora ibikorwa nk’‘ukuvyara abana hamwe n’ukubungabunga urugo, akabandanya “kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba”, ntiyokwegakwegwa n’inyifato itubaka. Kamere yiwe y’ivy’impwemu yorindwa, canke ‘ikazigamwa’ (1 Timoteyo 2:15). Gukurikirana iyo ngendo vyofasha abagore benshi bakiri bato kwirinda imitego ya Shetani.
Amajambo Paulo yandikiye Timoteyo aratwibutsa twese abagabo n’abagore gukoresha umwanya wacu ibintu bifise akamaro. Ijambo ry’Imana rihanura abakirisu bose riti: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge”.—Abanyefeso 5:15.