Ibibazo vy’abasomyi
Dawidi, uwari umuntu ahimbara umutima w’Imana, yoba yarafata abanyagano biwe bunyamaswa, nk’uko bamwe babivuga bafatiye kuri 2 Samweli 12:31 no ku 1 Ngoma 20:3?
Oyaye. Dawidi yarakoresheje gusa inyagano z’Abamoni ibikorwa vy’agahato. Ivyo Dawidi yakoze vyatahuwe nabi bivanye n’ukuntu impinduro zimwezimwe za Bibiliya zahinduye iyo mirongo.
Mu gusigura ingene Abamoni bahanywe, izo mpinduro za Bibiliya zituma Dawidi aboneka nk’imburakigongwe, akaboneka kandi nk’igikoko. Nk’akarorero, impinduro imwe ya Bibiliya (King James Version) yahinduye icanditswe co muri 2 Samweli 12:31 uku: “Asokorora abantu bari muri co, abashira munsi y’imisumeno, no munsi y’ivyuma vy’ibisaganga, no munsi y’amacabiti, abacisha no mu matanure y’amatafari: kandi ukwo ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni”. N’inkuru yo mu 1 Ngoma 20:3 yahinduwe nk’ukwo nyene.
Ariko rero, nk’uko incabwenge mu vya Bibiliya yitwa Samuel Rolles Driver ivyerekana, “mu vyo tuzi vyose ku bijanye n’ukuntu Dawidi yari ameze be n’agatima yari afise, nta na kimwe gihuye” n’ubunyamaswa. Ku bw’ivyo, amajambo agira ico avuze ku mirongo minaka yo mu mpinduro ya Bibiliya imwe (The Anchor Bible) avuga ati: “Dawidi ariko ashiraho imigwi y’abakozi igizwe n’inyagano kugira ngo yungukire mu vy’ubutunzi ku karere yigaruriye, ivyo bikaba biboneka ko vyari bisanzwe bigirwa n’abami baba batsinze urugamba”. Adam Clarke yaseruye iciyumviro nk’ico mu kuvuga ati: “Ivyo bisobanura rero yuko [Dawidi] yagize abantu abaja, abakoresha mu vy’ukubaza, mu vy’ugukora ivyuma vy’ibisaganga, mu vy’ubucukuzi bw’ubutare . . . mu vy’ugusatura ibiti be no mu vy’ukubumba amatafari. Gukereza abantu imisumeno, kubakatagura, kubahimbagura no kubasatura, nta biri muri iyi mirongo, nk’uko nyene Dawidi atabigize mu kuntu yakoresheje Abamoni”.
Impinduro zitandukanye zo muri iki gihe ziraserura iyo ntahuro irushirije kuba iy’ukuri mu gutomora yuko Dawidi atari akwiye kwagirizwa ubunyamaswaa. Raba nk’ingene Bibiliya Yera ivuga: “Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti; abakoresha no ku matanure y’amatafari, arabacumukuza. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni” (2 Samweli 12:31). Igira kandi iti: “Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni” (1 Ngoma 20:3). Impinduro ya Bibiliya Traduction du monde nouveau na yo nyene yahinduye ivyo vyanditswe mu buryo buhuye n’ukuntu abahinga mu bijanye n’igiheburayo cakoreshejwe muri Bibiliya babitahura muri iki gihe, mu kuvuga iti: “Abantu bari muri co arabasohora kugira ngo abashire ku gikorwa co kubaza amabuye n’imisumeno, ku bikoresho vy’ivyuma bikarishe no ku mashoka, yongera abakoresha igikorwa co kubumba amatafari” (2 Samweli 12:31). Ivuga kandi iti: “Abantu bari muri co arabasohora, abakoresha igikorwa co kubaza amabuye n’imisumeno, n’ico gukoresha ibikoresho vy’ivyuma bikarishe n’amashoka; kandi ukwo ni ko Dawidi yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni”.—1 Ngoma 20:3.
Dawidi ntiyasinzikaje ubuzima bw’Abamoni bari baneshejwe mu kubafata bunyamaswa, kandi ntiyabagandaguye. Ntiyiganye ibikorwa vy’ubunyamaswa vyakorwa mu ntambara mu gihe ciwe.
[Akajambo k’epfo]
a Igisomwa co mu giheburayo gishobora gusobanura ngo “yabashize mu misumeno” canke iyo hahindutse urudome rumwe kigasobanura ngo “yarabahimbaguye (akoresheje imisumeno)”. Ikindi kandi, ijambo rihindurwa ngo “itanure ry’amatafari” rishobora kandi gusobanura “iforoma y’amatafari”. Iforoma nk’iyo ni ntoyi ku buryo ata woyicamwo.