ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/12 rup. 32
  • Ivyo twosoma—Impanuro iranga ubukerebutsi Salomo atanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo twosoma—Impanuro iranga ubukerebutsi Salomo atanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/12 rup. 32

Ivyo twosoma—Impanuro iranga ubukerebutsi Salomo atanga

“KWANDIKA ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ukwiga cane kuruhisha umubiri” (Umusiguzi 12:12). Mu kwandika ayo majambo, ubu hakaba haciye imyaka yababa 3.000, Salomo wa Mwami w’inkerebutsi wa Isirayeli ntiyariko abuza ivy’ugusoma. Ahubwo riho yariko avuga ivy’uko bikenewe ko umuntu arobanura ivyo asoma. Ese ukuntu ico cibutswa kije hageze, narirya uko umwaka utashe mw’isi hacapurwa impapuro amamiliyaridi n’amamiliyaridi z’ibintu vyo gusoma!

Biraboneka yuko ivyo “bitabo vyinshi” Salomo yerekejeko bitari ivyubaka canke ibiruhura. Ni co gituma yavuze yuko ukuvyihebera “kuruhisha umubiri”, aho kuzanira umuntu ivyiza biramba.

Ariko none, Salomo yoba yariko avuga yuko ata bitabu na bimwe bitanga ubuyobozi bwiza kandi bwizigirwa bushobora kugirira akamaro umusomyi? Oya, kubera yuko yanditse kandi ati: “Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze” (Umusiguzi 12:11). Nkako, hariho amajambo yanditswe ameze “nk’imihunda”, ashobora kugira akosho keza. Arashobora kuvyurira umuntu umutima wo kugendera mu nzira igororotse. Ikigeretseko, nka kurya kw’“imambo zishimangiwe”, arashobora gukomeza umwiyemezo umuntu afise akongera agatuma atekana.

Amajambo aranga ubukerebutsi nk’ayo twoyakura hehe? Nk’uko Salomo abivuga, ayaruta ayandi yose muri ayo, ni ayava kuri wa Mwungere umwe, ari we Yehova (Zaburi 23:1). Ku bw’ivyo, nta kindi gitabu ciza umuntu yohitamwo coza kiruta icahumetswe n’Imana ari co Bibiliya. Gusoma ubudahorereza ayo majambo yahumetswe birashobora gufasha umuntu kuba “ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose”.—2 Timoteyo 3:16, 17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika