Woba unyotewe isi itagiramwo ubwoba?
“Mu kubaho kwacu twama ‘umutima uri mu kirere . . . tukumva tutagira gitabara’, bigaterwa n’‘akaga katazwi neza . . . koshobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose mu buryo ubwo ari bwo bwose, ata mburizi ihabaye’”.
AYO majambo yasubiwemwo mu mwaka uheze mu kinyamakuru Newsweek, araserura inyiyumvo abantu benshi babayeho muri iyi si idurumbanye bafise. Yezu Kirisitu yarerekanye yuko kwiyumva mwene ukwo vyokwongerekanye muri kazoza katari kure. Yaravuze ko hobayeho amaganya menshi mu mahanga ku buryo batomenye ingene boyavamwo, be n’uko abantu boguye igihumura kubera ubwoba no kwitega ibigira bibe kw’isi. Ariko tweho ntidukwiye kugira ubwoba canke ngo twumve ko tubuze gitabara, kuko Yezu yongeyeko ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike”.—Luka 21:25-28.
Mu kudondora ukuntu ubuzima bw’abantu biwe bo kw’isi buzoba bumeze inyuma y’ukwo gucungurwa, Yehova Imana yavumereye ati: “Abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi” (Yesaya 32:18). Biciye ku mumenyeshakazoza wiwe Mika, Yehova yavuze ati: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga”.—Mika 4:4.
Ese ukuntu ivyo bizoba bihushanye n’ukuntu ubuzima bumeze muri iki gihe! Nta kaga na kamwe katazwi kazobangamira umuryango w’abantu. Aho kwama umutima uri mu kirere be no kwama twumva tutagira gitabara, hazobaho amahoro n’agahimbare bidahera.