Twoba tuzokwigera turonka umutekano nyawo?
NI NDE atanezerwa no kwitegereza abana bariko barakinana urweze n’abavyeyi babo? Abo bana bumva batekaniwe cane kubera baba bari kumwe n’abavyeyi babo babitwararika. Yamara ku bana benshi, bene utwo turyo two kunezerwa usanga ari imbonekarimwe. Abana bamwebamwe usanga riho bama bahagaritse umutima ku musi ku musi bibaza aho bari bukike umusaya mw’ijoro. Hoba hari icizigiro ku bana nk’abo batagira aho bakika umusaya be no ku bandi bantu babayeho batagira umutekano?
Naho kazoza umengo gasa n’akihebuza, Ijambo ry’Imana ryoryo riratanga icizigiro. Umuhanuzi Yesaya yarabuye yuko hazogera igihe abantu bose bakaba mu mutekano ntangere. Yanditse ati: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye”.—Yesaya 65:21, 22.
Ariko none, ico cizigiro coba gifise ishingiro? Nakare, ijambo “icizigiro” ntiryama imisi yose ryerekana ko ata gukekeranya kurimwo. Nk’akarorero muri Berezile, abantu barakunda gukoresha iyi mvugo ngo “A esperança é a última que morre”. Iyo mvugo isobanura ijambo ku rindi ngo “Icizigiro ni co kintu ca nyuma gipfa”. Ivyo bishaka kwerekana ko abantu benshi baguma bafise icizigiro no mu gihe nyene ata shingiro riboneka ryotuma bizigira. Ariko rero, icizigiro ya Mana nzima iduha coco ntikimeze gutyo. Intumwa Paulo yanditse ati: “[Uwizera Imana] wese ntazoterwa n’isoni” (Abaroma 10:11). Ubuhanuzi bwa Bibiliya bumaze kuranguka buraduha kwizigira yuko n’iyindi mihango yose Yehova Imana yatanze izoranguka. Iyo mihango niyaranguka, ibintu bituma abana baba mw’ibarabara ntibizoba bikiriho.
No muri iki gihe, impanuro ngirakamaro dusanga muri Bibiliya zirashobora gufasha abatagira icizigiro bakagira ubuzima bumeze neza gusumba, kandi bakaronka umutekano nyakuri. Uti ivyo bishoboka bite? Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kugufasha kuronka inyishu y’ico kibazo.