ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/10 rup. 32
  • Woba ushobora gusa n’uwubona mu bwenge ivyo usoma?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora gusa n’uwubona mu bwenge ivyo usoma?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/10 rup. 32

Woba ushobora gusa n’uwubona mu bwenge ivyo usoma?

KUGIRA NGO use n’uwubona mu bwenge inkuru z’ivyabaye, uzosanga ari ngirakamaro kumenya neza ibibanza bivugwa mu vyo uriko urasoma. Nk’akarorero, rimbura ingendo z’ubumisiyonari intumwa Paulo yagize ziganwa mu gitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe n’intumwa. Ku rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, yatanguriye muri Antiyokiya, aho abayoboke ba Yezu bitiwe abakirisu ari bwo bwa mbere. Avuye ngaho, yaragiye mu bibanza bimwebimwe nk’akarorero Salamini, Antiyokiya h’i Pisidiya, Ikoniyo, Lusitira na Derube. Woba ushobora gusa n’uwubona aho ivyo bibanza vyari biherereye?

Kumbure ntiwobishobora, kiretse ufise ikarata. Muri ka gatabu gashasha k’impapuro 36 kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’, iyo karata irimwo. Umusomyi umwe w’i Montana, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuganye ugukenguruka ati: “Ndashobora kubona ingendo Paulo yagize kandi nkagerageza kwiyumvira uburyo yakoresha mu kwiyunguruza nkongera nkiyumvira igikorwa we hamwe n’abandi bakirisu bo mu ntango bakoze mu gukwiragiza inkuru nziza. Ndabakengurukiye ku bw’ico kintu cigisha biciye ku mashusho”.

Ikarata yerekana ingendo Paulo yagize ni imwe gusa mu makarata menshi ari muri ako gatabu azofasha umusomyi gusa n’uwubona mu bwenge ibivugwa muri Bibiliya. Woshobora gusaba ako gatabu kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’, mu kwuzuza agace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro hanyuma ukakarungika kuri aderese yaherekanywe canke ku yibereye mu ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru.

□ Ata co ndinze gusabwa, ndabasavye mundonse agatabu ‘Raba ca gihugu ciza’. Niwerekane ururimi

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

[Picture Credit line on page 32]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika