Abantu baguma barondera kugira vyinshi
“Nimba tutigera tubumbwa n’ivyo dufise, ntituzokwigera turonka ibitubumba”.—Raporo y’ishirahamwe ryitwa Worldwatch Institute.
“DUSHAKA iki? Dushaka vyose. Dushaka kubironka ryari? Ubu nyene”. Ico civugo carakundwa cane n’abanyeshure bamwebamwe bo muri kaminuza mu myaka ya 1960. Muri iki gihe, hashobora kuba hatumvikana ayo majambo nyene, mugabo iciyumviro nyamukuru kiri muri yo nta ho cagiye. Nkako, kuba abantu baguma barondera kugira vyinshi bisa n’uko ari co kintu kiranga iki gihe turimwo.
Kuri benshi, kuronka ubutunzi n’amatungo gisigaye ari ikintu bashira imbere mu buzima bwabo. Jimmy Carter, akaba yarigeze kuba perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni we yigeze kuvuga ati: “Umuntu ntakimenyekanira ku vyo akora, ahubwo asigaye amenyekanira ku vyo atunze”. Hoba hariho ibintu bihambaye kuruta amatungo? Nimba biriho, ni ibiki, kandi ni ivyiza ibihe bizana?