Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki abagabo b’Abisirayeli bari barekuriwe kwabira abagore b’abanyamahanga bafashwe mpiri kandi tuzi ko Ivyagezwe vya Musa vyabuza gusabiranira n’abanyamahanga?—Gusubira mu vyagezwe 7:1-3; 21:10, 11.
Imvo yatuma ivyo vyemerwa yavana n’ibintu bidasanzwe. Yehova yari yategetse Abisirayeli gusangangura ibisagara vy’amahanga indwi yo mu gihugu ca Kanani, bakica ababibamwo bose (Gusubira mu vyagezwe 20:15-18). Ku vyerekeye ayandi mahanga, abakuze bonyene boshoboye kurokoka bari abakobwa bakiri isugi bafashwe mpiri (Guharūra 31:17, 18; Gusubira mu vyagezwe 20:14). Umugabo w’Umwisirayeli yarashobora kwabira umukobwa nk’uwo, ariko igihe gusa nya mukobwa abanje gukora ibintu bimwebimwe.
Ku bijanye n’ivyo bintu umukobwa nk’uwo yasabwa gukora, Bibiliya ivuga iti: ‘Ategerezwa kwimosha, agaca inzara, agakura impuzu yanyaganywe, akaguma mu rugo rwawe, akamara ukwezi kwose agandariye se na nyina; hanyuma ukabona kumwabira, mukabana’.—Gusubira mu vyagezwe 21:12, 13.
Inkumi yafashwe mpiri Umwisirayeli akipfuza kuyabira, yategerezwa kwimosha. Kwimosha inkomvorera vyerekana ikigandaro canke umubabaro (Yesaya 3:24). Nk’ akarorero, igihe umwe sokuruza Yobu yabura abana biwe bose n’ivyo atunze vyose, yarimosheje inkomvorera kiba ikimenyetso c’uko agandaye (Yobu 1:20). Uwo mukobwa w’umunyamahanga yategerezwa kandi gutunganya inzara ziwe, kumbure ‘akazica’ ku buryo naho yozisiga irangi, iminwe yiwe itoba iyikwega amaso ngo bahave bayigomwa (Gusubira mu vyagezwe 21:12). None “impuzu yanyaganywe” uwo mukobwa yafashwe mpiri yategerezwa gukura yari nyabaki? Abakobwa bo mu bisagara vy’abapagani vyaba bigiye kwigarurirwa bari bafise umugenzo wo guca bambara impuzu zabo nziza kuruta izindi. Ivyo babigira bibaza ko ari ho boca bakundwa na bene kubafata mpiri. Bene izo mpuzu umukobwa agandaye yategerezwa kuzikura.
Umukobwa yafashwe mpiri yaba agiye kuba umugore w’umugabo w’Umwisirayeli, yategerezwa kumara ukwezi agandariye abiwe bapfuye. Ibisagara vyaba vyaneshejwe vyategerezwa gusangangurwa rwose ku buryo ata wo mu muryango canke mu ncuti baba bakibonana. Kubera ko abasoda b’Abisirayeli baba basanganguye ibishushanyo vy’imana ziwe, ivyo yahora akoresha mu gusenga nta vyo yaba agifise. Ukwo kwezi kw’ikigandaro kwari kandi ikiringo co kwihumanura, aho umukobwa yafashwe mpiri yavavanura n’ibintu vyose bijanye n’uburyo yahora asenga.
Ariko rero, ibintu ntivyagenda gutyo ku bagore b’Abanyamahangakazi muri rusangi. Ku vyerekeye abo bagore, Yehova yategetse ati: “Ntimuze musabiranire na bo, ngw abakobga banyu mubahe abahungu babo, cank’abahungu banyu mubasabire abakobga babo” (Gusubira mu vyagezwe 7:3). Ni imvo iyihe yatumye babuzwa ico kintu? Mu Gusubira mu vyagezwe 7:4 havuga hati: “Kuko bohindura abahungu banyu, ntibagendanire Uhoraho, ariko bagasaba izindi mana”. Iryo tegeko rero ryabuza ico kintu ryari rifise intumbero yo gukingira Abisirayeli ngo ntibandure mu bijanye no gusenga. Ariko rero, umukobwa w’umunyamahanga ivyiwe vyaba vyifashe kurya vyadondowe mu Gusubira mu vyagezwe 21:10-13, nta kaga nk’ako yatera. Ab’iwabo bose baba bapfuye, kandi ibishushanyo bigereranya imana ziwe vyaba vyasanganguwe. Nta migenderanire yaba afitaniye n’abasenga mw’idini y’ikinyoma. Umwisirayeli yaremererwa kwabira umunyamahangakazi igihe ibintu vyaba vyifashe gutyo.