Ubwiza bw’ibiremwa vya Yehova
‘Ubutunzi bubogaboga mu biyaga’
IYO izuba ririko rirarenga, hari akayaga gahuha buhorobuhoro gaca gakabura amazi yo mu kiyaga maze imipfunda ikaza irikubita buhorobuhoro ku nkengera y’ikiyaga. Akajwi karuhura k’iyo mipfunda kararyohera cane abantu benshi baja ku nkengera y’ikiyaga kwiruhura no kurondera kwumva ko batekaniwea.
Mwene izo nkengera z’ibiyaga ziragenda zigashika iyo n’iyo ku burebure bw’ibilometero ibihumbi n’ibindi kw’isi. Urwo rugabano ruguma ruhindagurika ruri hagati y’umusenyi n’amazi ni rwo rubibe ntarengwa rw’amazi yo mu kiyaga. Ukwo ni ko Umuremyi yabitegekanije. Imana yavuze ko “ari [yo] yashinze umusenyi ng’ubere ikiyaga akarimbi”. Yongerako iti: “Nah’imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna”.—Yeremiya 5:22; Yobu 38:8; Zaburi 33:7.
Mu mibumbe yose izunguruka izuba, nta wundi mubumbe uriko amazi menshi nk’uyu mubumbe wacu. Ibice birenga 70 kw’ijana vy’uyu mubumbe wacu biriko amazi. Igihe Yehova yariko ategura isi kugira ngo abantu bayibeko, yavuze ati: “Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho nihaboneke”. Kandi ivyo ‘vyabaye kuno’. Iyo nkuru yongerako iti: “I musozi Imana ihita Isi, ikoraniro ry’amazi na ryo iryita Ibiyaga: Imana ibona kw ari vyiza” (Itanguriro 1:9, 10). Amabahari arangura ibiki?
Mu buryo butari buke butangaje, amazi yo mu biyaga yateguriwe kubungabunga ubuzima. Nk’akarorero, amazi arafise ubushobozi bwo kubika ubushuhe. Gutyo, amabahari ni nk’ububiko amahanga bw’ubushuhe, agatuma bwa bukanye bukomeye bwo mu rushana butaba ubukaze cane.
Amazi arafise ubundi bushobozi bwo kubungabunga ubuzima. Kuruta ibindi bintu vyose biseseka, amazi arashobora kuyonza ibindi bintu. Kubera yuko ibintu vyose biba kugira ngo ubuzima bubandanye kubaho bishoboka biciye kuri bwa buhinga bw’uko ikintu kivanganye n’ikindi gica gihindukamwo ikindi kintu (ivyo bita mu gifaransa réactions chimiques), amazi arakenewe kugira ngo ayonze ivyo bintu biheza bikavamwo ikindi kintu, maze agatuma uduhimbahimba (twitwa molécules) tugize ikintu kimwe duhura n’utw’ikindi. Twinshi mu duhimbahimba twitwa molécules two mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri turimwo amazi. Igitabu citwa Ikiyaga (mu congereza) kivuga giti: “Ibintu vyose bifise ubuzima birakeneye amazi, ayo na yo akaba impera n’imperuka ategerezwa kuva mu mabahari, mbere n’ayo ibiterwa n’ibikoko vy’i musozi bikenera [ni yo ava]”.
Amabahari yo kw’isi ararangura kandi uruhara ruhambaye mu vyo gutyorora ikirere. Ibimera bitobito cane vyirerembera mu mazi y’amabahari birayongobeza wa mwuka mubi witwa gaze karubonike hanyuma bikarekura umwuka mwiza witwa ogisijeni. Nk’uko bivugwa n’umushakashatsi umwe, “ibice 70 kw’ijana vy’umwuka witwa ogisijeni wiyongera mu kirere ku mwaka ku mwaka biva mu bimera bitobito cane vyirerembera mu mazi y’ikiyaga”.
Amabahari arashobora kandi gutanga imiti yo kuvura indwara itarinze guca mw’ihinguriro. Mu binjana n’ibindi, ibintu bikurwa mu mafi vyarakoreshejwe bwa muti. Amavuta ava mu gitigu c’igifi kinini citwa morue (ayitwa huile de foie de morue) aramaze igihe kirekire akoreshwa. Muri iyi myaka ya vuba, imiti ihingurwa mu mafi be no mu bindi biremwa vyo mu biyaga yarakoreshejwe mu kuvura indwara ya asima, no mu kurwanya imigera na kanseri.
Haragizwe utwigoro two kurondera kumenya agaciro k’ibintu vyose amabahari atanga be n’ivyo afashamwo. Naho ata ciyumviro nyakuri gishobora gushikwako, abashakashatsi bagereranije yuko hafi ibice bibiri kuri bitatu vy’ivyiza biva ku bidukikije kw’isi yose bikomoka mu mabahari. Ivyo biremeza ivy’uko ibiyaga vyaremwe ku bw’intumbero yinaka, na yo ikaba ari ugutuma ubuzima bumera neza no kububungabunga. Ese ukuntu ivyo bihuye neza n’ivyo Bibiliya yita ‘ubutunzi bubogaboga mu biyaga’!—Gusubira mu Vyagezwe 33:19.
Yehova araninahazwa nka we Muhinguzi Mukuru n’Umuremyi Mukuru w’ubwo butunzi. Nehemiya yaravyuriwe umutima wo kumushemeza muri aya majambo: “Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, . . . ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose”.—Nehemiya 9:6.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2004, septembre/octobre.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]
Amazi, umuyaga be n’imipfunda
Amazi be n’umuyaga biratuma haba imipfunda miremere yisavya ku bitandara n’urwamo rukomeye, nk’ibi vy’i Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Imipfunda yamye nantaryo ari umuce w’akaroruhore uranga ibahari, ikagaragaza ububasha bw’ibahari buteye akoba. Ikindi kandi, imipfunda ni ikintu gitangaje kitwibutsa ububasha bw’akumiza bw’Umuremyi. Yehova ni we “[a]gendera ku mikuba y’ikiyaga”. ‘Azikuruza ikiyaga ububasha bwiwe, n’ubwenge bwiwe, abutobekeranisha Bwibone’ (Yobu 9:8; 26:12). Nkako, “amajwi y’amazi menshi, imipfunda ihambaye yo mu kiyaga, Uhoraho [ari] iyo hejuru abirusha inkomezi”.—Zaburi 93:4.
Utugenegene tugizwe n’umusenyi
Inkengera y’ikiyaga usanga rimwe na rimwe ituma haboneka utuntu tumeze nk’utugenegene tugizwe n’umusenyi, nk’utu dusozisozi tw’umusenyi tuboneka ngaha ku nkengera ya Namibiya, mu Bumanuko bwa Afirika. Umuyaga ni wo nguvu nyamukuru ituma umusenyi ufata imero yinaka. Mu gihe udusozisozi tw’umusenyi tumwetumwe dushobora kuboneka nk’aho ari utugunguzi dutoduto, utundi usanga dushikira uburebure bw’amaduga bw’imetero 400. Uwo musenyi mwinshi uradufasha gutahura iyi mvugo yo muri Bibiliya: “Umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga”. Iyo mvugo ikoreshwa mu kwerekana ikintu kidaharurika, kigoye gupima (Itanguriro 22:17). Turagira akoba imbere y’Umuremyi, we yashizeho ico gihome c’umusenyi cakoranywe ubuhinga gitangira ikiyaga kirimwo ibihuhusi.
[Ifoto ku rup. 9]
Izuba ririko rirarenga ku nkengera y’ikiyaga, ururimi rw’ikiyaga rwa Bonny, muri Kameruni