ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/8 rup. 3-4
  • Impanuro nziza zoba zikenewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impanuro nziza zoba zikenewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Aho woronkera impanuro ngirakamaro kuruta izindi zose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • ‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/8 rup. 3-4

Impanuro nziza zoba zikenewe?

MURI iki gihe, abenshi biyumvira yuko bafise ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi, be n’uko bafise uburenganzira bwo gukora ivyo bashaka vyose. Abandi na bo bavuga yuko ibintu nka vyose ata co bitwaye mu gihe bituma umuntu yumva amerewe neza. Umubano w’ababiranye be n’ubuzima bwo mu rugo, ivyamye kuva kera bibonwa ko ari vyo shimikiro ry’ikibano c’abantu, bigeze ahatemba.—Itanguriro 3:5.

Rimbura nk’akarorero ivya Verónicaa aba muri Megizike. Avuga ivyabaye ati: “Gatoyi imbere y’uko dushikira umwaka ugira 15 jewe n’umugabo wanje twari tumaze twubakanye, umugabo wanje yambwiye ko yariko agirana imigenderanire n’uwundi mugore. Yavuze yuko atomuhevye, kubera yuko uwo mugore yari akiri muto kandi akaba yatuma yumva amerewe neza. Narababajwe cane no kwumva yuko uwo nabona ko ari umugenzi wanje pfampfe atosubiye kumba iruhande ngo tugumane. Nahora niyumvira yuko kubura abacu ari co kintu gitera umubabaro kurusha ibindi vyose. Mugabo kuri jewe, ukurenga ibigo nasanze kubabaje kurusha, atari kubera gusa ko nabuze uwo nakunda rwose, mugabo kandi kubera yabandanije gukora ibintu bimbabaza”.

Hari kandi ivy’umugabo w’imyaka 22 amaze kwahukana, akaba afise umwana w’umuhungu, mugabo atemera amabanga ajejwe yo kuba se w’umwana. Uwo mugabo yiteze ko nyina ari we amutunga akongera agatunga n’umuhungu wiwe. Nyina wiwe atemeye ivyo amusavye vyose, aca arakara agaca amuryagagura, nka kurya kw’umwana atagira indero. Nyina wiwe aca yumva yihebuye kubona uwo mwana wiwe amuhangara gutyo.

Ivyo si vyo vyonyene bishika. Gutandukana no kwahukana biciye muri sentare biriko birushiriza kwongerekana mu mihingo yose. Abana benshi barabona umwe mu bavyeyi babo ava mu rugo hanyuma akaja gutangura ubuzima bushasha. Urwaruka rumwerumwe ntirucibanga abandi, ushizemwo n’abavyeyi babo, kandi rurisuka mu nyifato aho hambere yabonwa nk’iyitoshoboka. Guhonja amabanga mpuzabitsina, kwihereza ibiyayura umutwe, ibitero bigirwa n’urwaruka be n’igandagurwa ry’abigisha canke abavyeyi rigirwa n’abana, vyacitse ibintu vyeze mu bihugu vyinshi. Nawe ntubuze kuba warabonye yuko ivy’ukurera abana be n’ivy’umubano w’ababiranye atari vyo vyonyene birimwo ingorane mw’isi ya kino gihe.

Uko twibonera ivyo bintu bigenda biba, twoshobora kwibaza ingene ikibano vyakigendeye. Niba abantu bazi koko gutandukanya iciza n’ikibi, ni kubera iki ingorane nyinshi cane zigumaho zidatorewe umuti? Hoba hakenewe impanuro nziza? Hoba hariho isôko ryovako impanuro nk’izo ngikamaro, rikaba isôko ryagaragaye ko ari iryo kwizigirwa? Naho abenshi bavuga ko bemera Imana be n’Ijambo ryayo ryanditswe, ivyo bisa n’uko ata kosho bigira ku ngingo bafata. Mugabo none, ni ivyiza ibihe dushobora kuronka igihe turondeye impanuro ziva ku Mana tukazironka? Reka tubirimbure mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Izina ryarahinduwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika