“Twipfuza kuzokwishura duti: ‘Egome!’”
IBIRO vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Nijeriya biherutse kuronka ikete, amwe mu majambo yo muri iryo akaba avuga ati:
“Umuhungu wacu, Anderson, yapfuye afise imyaka 14. Imbere y’uko apfa, yorora inkoko zibiri. Yashaka kuzigurisha maze akarungika ayo mahera ku biro vy’ishami bwa ntererano ku bw’igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Mugabo yapfuye imbere y’uko izo nkoko zigurishwa.
“Mu buryo buhuye n’icipfuzo ciwe, twebwe abavyeyi biwe twaroroye izo nkoko maze turazigurisha. Tubarungikiye ayo mahera bwa ntererano itanzwe na Anderson. Kubera ivyo Yehova yasezeranye, turizigiye yuko vuba, emwe vuba cane, tuzosubira kubona Anderson. Twipfuza kuzokwishura duti: ‘Egome!’ niyatubaza nimba twarashikije ico umutima wiwe wari waripfuje. Nkako, turiteganye umushasharo kutazobona Anderson gusa, mugabo kandi no kuzobona ‘igipfungu kinini c’ivyabona’ bazozurwa”.—Abaheburayo 12:1; Yohana 5:28, 29.
Nk’uko bibonekera neza muri iryo kete duhejeje kubona, kwizera izuka ni icizigiro gikomeza abakirisu b’ukuri. Ese umunezero imiryango amamiliyoni izogira, nk’uko bizogenda ku muryango wa Anderson, igihe izokwakira abayo bahitanywe na wa mwansi rupfu!—1 Ab’i Korinto 15:24-26.
Ijambo ry’Imana ryerekana yuko ico cizigiro gihumuriza cerekeye izuka ari kimwe mu bintu vyinshi vyiza igitangaza vyimirije kuranguka mw’isi nshasha irangwa n’ukugororoka, izoba irongowe n’Ubwami bw’Imana (2 Petero 3:13). Mu kumenyesha ivyo Imana izokorera abantu muri ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.—Ivyahishuriwe 21:4.