ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/7 rup. 32
  • ‘Kumenyekanisha izina rya Yehova’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Kumenyekanisha izina rya Yehova’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/7 rup. 32

‘Kumenyekanisha izina rya Yehova’

KW’ISI yose, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi na kigenzi caco Be maso! birakundwa kubera ibintu vy’Imana birimwo no kubera vyigisha ibintu vy’agaciro. Mu kubigaragaza, umusomyi umwe wo mu Bufaransa aheruka kwandika ikete rikurikira:

“Ndi umugore akiri muto yamuka muri Afirika, nkaba mfise amashure makeyi cane. Nta gihe kirekire kihaciye ntanguye gusoma ibinyamakuru vyanyu. Kubera ndyoherwa n’ibiganiro birimwo, ndiko ndibonera agaciro ko gusoma. Kubera mwebwe, nsigaye nzi amajambo menshi kandi ndashobora kwandika ikete ntashizemwo amakosa menshi.

“Ndatangazwa n’ukubona mushikiriza ibiganiro bivuga ikintu cose cerekeye abantu, iyi si tubako, hamwe n’Umuremyi. Ivyo biganiro biroroshe gutegera ku buryo bituma umuntu abisoma atobivirira. Nta wundi muntu n’umwe yoshobora kugira ubuhanga bwo kwigishiriza icarimwe abantu b’ubwoko bwose.

“Birantangaza kandi igihe mbona yuko ivyo vyose bidakorwa mu kurondera inyungu, ahubwo ko bikorwa kugira gusa bimenyekanishe izina rya Yehova. Ndazi yuko abashima kandi ndabakengurukiye. Ndabipfuriza ko mwobandanya kuronka inkomezi ziva ku Muremyi kugira mwigishe”.

Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bariko bararangura igikorwa co kwigisha Bibiliya mu bihugu 235. Umunara w’Inderetsi usohorwa mu ndimi 148, Be maso! na yo mu ndimi 87. Ivyo binyamakuru ntivyandikwa kugira bishemagize umuntu n’umwe. Impanuro zishingiye kuri Bibiliya hamwe n’amakuru agezweho tubisangamwo, vyagenewe gutera iteka Umuremyi, we agira ati: “Ni jewe Uhoraho [“Yehova”, NW] . . . nkwigisha ibikugirira ikimazi” (Yesaya 48:17). Tukwipfurije kwungukira ku gusoma Ivyanditswe Vyeranda udahorereza wifashishije ivyo bikoresho bifasha kwiga Bibiliya!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika