ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/6 rup. 3
  • Urugamba rwo kurera abana muri iki gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urugamba rwo kurera abana muri iki gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/6 rup. 3

Urugamba rwo kurera abana muri iki gihe

NI MW’IJORO, nyene iresitora ariko yitegurira kwugara iresitora yiwe ngo atahe. Abakenyezi babiri bari kumwe n’akana baciye binjira maze batumako imfungurwa. Kubera yuko nyene iresitora arushe cane, ashatse kubabwira yuko iresitora yamaze kwugarwa, mugabo aciye afata ingingo yo kubaronderera imfungurwa basavye. Mu gihe nya bakenyezi babiri bariko baraganira bongera bafungura, ka kana gaciye kaja mu vyo kwiruka hirya no hino muri iyo resitora, kagenda gatiburira ibisuguti hasi, kakaza karabifyonyoza ikirenge. Aho kukabuza, nyina wako aciye yimwenyurira. Amaherezo bene gufungura bagiye, nyene iresitora, akaba yarushe cane, ategerezwa gukuraho uwo mucafu.

Nk’uko ushobora kuba ubizi, ico kintu gishika koko mu buzima, kirerekana yuko mu ngo nyinshi ivyo kurera abana bitariko bigenda neza. Imvo zibituma ziratandukanye. Abavyeyi bamwebamwe barareka abana babo bagakora ivyo bishakiye, biyumvira yuko abana bakwiye kurererwa mu mwidegemvyo. Canke kubera yuko abavyeyi bacurumba muri vyinshi mu buzima bwabo, boshobora kudafata umwanya wo kwitwararika cane abana babo no kubaronsa indero ikenewe. Abavyeyi bamwebamwe biyumvira yuko kuba umwana wabo yiga ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose, ari co gituma baha umwana wabo umwidegemvyo usa n’uwutagira akarimbi magingo aronka amanuta meza kw’ishure maze akazoja muri kaminuza bahurumbira.

Yamara, bamwebamwe bavuga yuko ingingo ngenderwako zishirwaho n’abavyeyi be n’iz’ikibano muri rusangi zikeneye guhinduka. Barerekana yuko abana bariko barisuka mu bwicanyi bw’ubwoko bwose be n’uko ubukazi bugirirwa ku mashure buriko burongerekana ku musi ku musi. Ku bw’ivyo, umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’i Sewule muri Repubulika ya Koreya, yarashimitse ku vy’uko kuronsa abana indero ishingiye ku kuryohora kamere bikwiye kuza mu kibanza ca mbere. Yavuze ati: “Niwamara kwubaka mu mwana kamere nziza uzoheza umuronse ubumenyi”.

Abavyeyi benshi bashaka ko abana babo binjira muri kaminuza maze bakazororanirwa mu buzima, baranka gutega yompi ingabisho bahabwa. Nimba uri umuvyeyi, wipfuza yuko umwana wawe yoba umuntu ameze gute? Woba wipfuza yuko yoba umuntu akuze, afise agatima ko gukora ibibereye kandi w’umushingantahe? Woba ushaka ko yoba umuntu yitwararika abandi, agerageza guhuza n’uko ibintu vyifashe, kandi afise agatima ko kubona ibintu neza? Nimba wipfuza ko yomera gutyo, turakwinginze urimbure ikiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika